INTERNATIONAL NEWS

Amerika iragabisha abacamanza ba Sentare Mpuzamakungu ICC!

on

Umuhanuzi w’umutekano mu biro vya leta ya Amerika, John Bolton , yaraye agabishije ya Sentare Mpauzamakungu mpanavyaha CPI kutagerageza ngo ‘itohoze ku mabi yo mu ntambara yoba yarakozwe n’abasirikare ba Amerika mu gihugu ca Afghanistan’.

Bolton akaba yabivuze mw’ijambo yashikirije ejo ku musi wa mbere buca uyu musi wa 11 Nyakanga bibuka ibitero vyabaye mu mwaka wa 2001. “Uyu musi…ndashaka gutanga ubutumwa bwumvikana mu kibanza c’umukuru w’igihugu, USA izokoresha uburyo bwose bushoboka kugira ngo ikingire inyunguzayo hamwe n’ibihugu dusangiye ubugenzi biterwa ubwoba niyo sentare mpanavyaha mpuzamakungu itazwi…”, niko Bolton yamenysheje.

Bolton yamenyeheje ko iyo sentare ishobora gufatirwa ibihano na Leta ya Amerika mu ‘guhana abacamanza b’iyo sentare mu gihe bohirahira bagatangura amatohoza ku mabi yakozwe’.Bolton akaba yamenyenyesheje ko mbere iyo Sentare ‘iteye akaga‘ kuri Amerika.

Akaba yanagabishije ko iyo sentare kandi yokura igihugu ca Israeli mu bihugu bikorwako amatohoza.

Iyo sentare ikaba isanzwe yagirizwa gucira imanza abato na cane cane bo mu bihugu vya Afrika, nk’akarorero Uburundi, ku mabi avugwa ko aba yakozwe. Bikaba bizwi ko n’Uburundi bwamaze kuva muri iyo sentare ICC kubera bwanse ko iyo sentare ikora amatohoza ku mabi avugwa ko yakozwe kuva mu mwaka wa 2015.

Recommended for you