INTERNATIONAL NEWS

Amerika Habaye Ubwicanyi Butari Bwabeho Muri Kahise Ka None

on

Uyu musi itariki 02 gitugutu mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, habaye ubwicanyi bwaje budasanzwe mu gisagara ca Las Vegas, aho abantu bashika ku 58 bahitanywe n’ubwo bwicanyi.

Ubwo bwicabyi bwabaye igihe umuntu yari yitwaje ikigwanisho yuguruye umuriro mu murwi w’abantu, maze bica bituma uyu musi uba wo musi uba uwirabura muri kahise ka none ka Leta Zunze Ubumwe Za Amerika habaye ubwicanyi nkubwo ku musi umwe.

Muri ubwo bwicanyi hakaba hamenyeshejwe ko abantu bashika 515 bakomeretse, nkuko igipolisi cabimenyesheje. Ariko nkuko amakuru abandanya aja ahabona, ico gitigiri c’abakomeretse gishobora kwiyongera umwanya n’umwanya. Ubwo bwicanyi buje busumba ubwabaye mu gisagara ca Orlando muri Amerika mu 2016 aho abantu bashika 49 bahasize ubuzima.

Uwikekwa kuba yakoze ubwo bwicanyi akaba ari Stephen Paddock, umugabo afise imyaka 64 w’imvukira yaho i Las Vegas, uyo abapolisi bamenyesheje ko yafashe icumba c’ihoteli Mandalay Bay ku wa 28 Nyakanga 2017. Uyo yikekwa gukora ubwo bwicanyi yasanzwe yapfuye igihe abapolisi binjira mu cumba ciwe aho bahasanze inkoho 10.

Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump akaba yamenyesheje ko ubwo bwicanyi ari “ ubukozi bw’ikibi bweruye”. Akaba atamenyesheje icatumye ubwo bwicanyi buba maze akaba yamenyesheje ko azotemeberera ico gisagara ca Las Vegas ku musi wa gatatu.

Igipolisi kikamenyesha kandi ko uyo mwicanyi yakoresheje ubwoko bunaka bw’inyundo canke igikoresho kimeze nk’inyundo mu kumena amadirisha y’ivyumba vy’ihoteri, maze amaze kubona ko ahava afatwa na police yaciye yirasa maze aracikana.

Recommended for you