Kuva ubu, Amazu yose yakira ingenzi bita amahoteri agiye kuza arihisha abanyamahanga baziraramwo mu mafaranga mva makungu nk’ama Euros y’abanyaburaya n’amadorari y’abanyamerika.Ikindi, ayo mazu yakira ingenzi yategetswe kuba afise amakonti y’amafaranga mvamakungu. Bikaba vyatangajwe kuri uyu wa kabiri n’umushikiranganji w’ubutunzi , Audace Niyonzima arikumwe n’umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ivy’abamukerarugendo, Marie-Chantal Nijimbere.
Mu nama yagiranye n’abakorera mu gisata c’amazu yakira ingenzi mu ntumbero yo kwigira hamwe uruhara rw’ayo mazu mu kwinjiza amafaranga y’agaciro mu gihugu c’uburundi, Umushikiranganji Audace Niyonzima akaba yasavye ko buri hoteri yose yogira konte yayo mu mafaranga mvamakungu. Yagize ati:”Turazi rero ko izo ngenzi ziza zizanye amahera y’agaciro, Twipfuza rero ko mwoza murakorana n’inzego z’igihugu kugira ngo ayo mafaranga y’agaciro ashobore kwegeranywa hanyuma ashobore kuboneka ko vyukuri yinjiye”
Arongera ko ati :”Twipfuza ko ihoteri yose yoba ifise ikonte mu mafaranga mvamakungu kugira ngo amafaranga mutoza ku ngenzi muheze muyajane muri banki”
Uwaserukiye abakorera mu gisata c’amahoteri , Ndayisaba Herman akaba yashikirije amakenga ku mahoteri amwamwe usanga amakomine ayatoza amafaranga menshi aho usanga ngo batozwa ikori ku bubare, ikori ku buriro hamwe n’ikori ku buraro.
Tubamenyeshe ko mu misi iheze, ico gisata cari cidogewe n’umukuru w’igihugu c’uburundi ko ata faranga na rimwe ry’agaciro gishikana muri Banki nkuru y’igihugu BRB kandi bene ayo mazu yakira ingenzi badasiba kuyegeraniriza mu mipfuko yabo.