NEWS

Amazi y’ikiyaga Tanganyika yahinduye ibara

By

on

Amazi y’ikiyaga Tanganyika yahinduye ibara kuri uwu wa mbere, asa n’urwatsi rutoto (Couleur verte), nk’uko twashoboye kuvyibonera ku ruhande rw’ikibanza kizwi kw’izina rya Safi Beach, mu kibanza co ku kivuko ca Bujumbura hamwe no kw’ihoteri Club du Lac Tanganyika.

Ukwo guhindura ibara kw’amazi ya Tanganyika kwatanguye mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha zibiri z’agatondo. Iyo nkuru imaze kumenyekana, umushikiranganji ajejwe ibidukikije, ari kumwe n’igiporisi gikorera ku kiyaga Tanganyika baciye bishikira muri ico kibanza kuraba ivyabaye.

Umushikiranganji ajejwe ibidukikije yamenyesheje ko ivyabaye atawe vyotera ubwoba canke amakenga, kuko ari ibintu vyama biba kenshi rimwe mu mwaka, bitewe n’uko amazi y’ikiyaga Tanganyika aba ariko arityorora. Mu bushikiranganji bujejwe ibidukikije bamenyesha ahubwo ko ivyabaye ari igikorwa ciza, kandi vyerekana ko mu minsi ya vuba amafi agiye kuboneka ku bwinshi mu Burundi.

Iyo nkuru imaze gutangura kuvugwa, haciye hatangura guca ku mbuga ngurukanabumenyi ayandi makuru avuga ko amazi ariko atangwa n’ishirahamwe REGIDESO ari mabi kubera ivyo vyabaye. Mw’ishirahamwe REGIDESO baciye bihutira guhumuriza, aho bamenyesheje abanwa kandi bagakoresha amazi ya REGIDESO ko baciye bakwirikuranira hafi ico kibazo, kandi ko iryo bara ry’urwatsi rutoto riboneka riri hejuru ku mazi, kuko akayungiro kariko umuringoti uzana amazi abantu bakoresha kari kuva ku biromeretero bitatu n’inusu, ku metero 25 uvuye hejuru ku mazi.

Ishirahamwe REGIDESO ryemeza ko amazi ashika mw’ihinguriro ari meza cane.