NEWS

Amayinga make asigaye kugira habe amatora y’Akamaramamka: Bamwe bamwe ico bayavugako.

on

Amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro canke kutarihinyayura aritezwe kuba ku wa 17 Rusama 2018.Ariko rero biragaragara ko Leta n’abatavuga rumwe nayo batabibona kumwe.Biriko biranatuma abanyagihugu bamwe bamwe bagira amakenga ko ayo matora azohava asubiza abarundi mu kajagari kandi k’intambara. Bamwe bamwe mu banyepolitike babivugako iki?

Umugambwe UPRONA uri muri leta wowo waratangaje ku mugaragarao ko abanywanyi bawo bazotora “EGO” muri ayo matora. Gaston Sindimwo asanzwe ari muri uyo mugambwe amenyesha ko “abarundi aribo bonyene bakwiye kubazwa ibijanye n’amasezerano y’i Arusha”. Sindimwo akamenyesha mu kiyagao yagiranye na Iwacu ko ‘abatavuga rumwe na leta bariko bakora uko bashoboye kwose kugira amatora ntabe bariko biha amenyo y’abatwenzi’.

jean Minani asanzwe arongoye urunani rutavuga rumwe na leta wewe ahamagarira amakungu kugira agire ico akora mu kubuza ako ayo matora aba. “Amakungu arakwiye gukora ibishoboka amazi atararenga inkombe”, niko Minani avuga.

Vital Nshimirimana ari mu bafashe iyambere mu gusubira kwiyamiriza ukundi kwitoza kwa Pierre Nkurunziza nawe nyene asa nuwazambira amakungu. “Amakungu arakwiye kuva mu gacerere arimwo akagira ico akoze kugira amaraso ntasubire guseseka”.

Biragaragara kandi ko na bamwe mu batavuga rumwe na leta bari mu gihugu bahamagarira abanyagihugu kuzotora “OYA” naho hariho iterabwoba rikorerwa abanywanyi babo, nk’uko babimenyesha.

Recommended for you