Abashigikiye ikiringo ca Gatatu c’Umukuru w’igihugu bazokwicwa nta kabuza, nayo abafashe igihugu babanje guhirika ubutegetsi ngo ntaco bafise bavuga ku bijanye na Democratie kuko ataco bayiziko.
Mw’ijambo umushingamateka Pascal Nyabenda yashikirije muri ya myiyerekano yatunganwa n’umugambwe CNDD-FDD kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11 ndamukiza. Yamenyesheje ko umugambwe atari uw’abaguma bavuga ngo bagire ikoraniro kamenuka ngo iryo koraniro rizotegurwa n’abagumyabanga kandi umusi bashimye kandi kubwiwe ngo si kera.
Uwo murongozi wa CNDD FDD yanamenyesheje ko abakuru b’ibihugu bafashe igihigu babanje guhirika ubutegetsi bwari buhari batari bakwiye kugira ico bavuga ku bijanye n’intwaro ibereye(Democratie) kuko ataco bazi kuko aho batwara atayo bakoresheje.
Mwomenya ko abariko bariyerekana uwo musi wa gatandatu bagenda bavuga ko vyanka bikunda umukuru w’Igihugu c’Uburundi azitoza ngo uwutazovyemera nawe bazomumesa bishatse kuvuga ko bazokwica abadashigikiye ikiringo ca Gatatu c’Umukuru w’igihugu.