INTERNATIONAL NEWS

Raila Odinga Avuga ko ‘Habaye Ubusuma Mu Mashini Ziharura Amajwi’.

on

Amatora yo muri Kenya ariko aratuma abantu bose mwisi bayakurikiranira hafi,mbere hakaba hari ubwoba yuko bishobora kugenda nkuko vyagenze inyuma y’amatora ya 2007 muri Kenya aho abantu barenga 1000 bishwe abandi 400 000 barata izabo bivuye ku ntureka zakurikiye amatora.

Kugeza ubu muri Kenya ibintu vyatanguye kwunyuka.Inyuma yaho Ibiharuro bimaze kugaragaza ko Umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta asanzwe aza imbere ku bice 54% mu majwi y’amatora, uwo batavuga rumwe akomeye bahanganye, Raila Odinga yatangaje ko ivyo bitigiri ko “ari ivyiyumvirwa” atari vyo na gato.

Raila Odinga akamenyesha ko mu matohoza yari yakozwe vyagaragara ko Raila Odinga ko yaza imbere nko mu mabiro yose y’amatora.Uyu musi ku wa gatatu Raila Odinga akaba yamenyesheje ko “habaye igitero ku mamashini aharura amajwi maze bituma amajwi ya 54% yari kuri Raila Odinga aja kwa Uhuru Kenyatta(ivyo bita Election hacking)”.

Odinga akaba asigura ko abo bagizi ba nabi babikoze mwijoro rya keye maze ‘barahindagura ibitigiri mu kwerekana ko habaye amakosa mu mashini ziharura amajwi’ hama bigaragara ko Uhuru Kenyatta aza imbere mu majwi.

Raila Odinga akamenyesha ati:” Urashobora kubandanya wiba abanyagihugu umwanya muremure…Amatora ya 2017 ni ubusuma gusa”.

Ibiro bijejwe amatora muri Kenya vyatangaje gutya: “Mu bice nka 94% vy’ibibanza vyabereyemwo amatora, ibitigiri vyerekana ko Uhuru Kenyatta aza imbere n’ibice 54,4% kuri 44,8% vya Raila Odinga; ni ukuvuga ubusumbane bw’amajwi 1 300 000”.

Raila Odinga, uwutavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Uhuru kenyatta

Naho amatora yagenze neza muri rusangi ata kajagari kahabaye, hariho ubwoba ko abashigikiye Raila Odinga bashobora kuvyura intureka zikomeye bakihereza amabarabara mu misi mike iri imbere maze bigakwega akarambaraye.

Mu gitondo co kuri uyu musi,abapolisi bakaba bazindutse barashwiragiza abashigikiye Raila Odinga mu ntara ya Kisumu aho hakoreshejwe na vya vyuka bikorora amosozi mu kubashwiragiza aho baririmba bati: “Ata Raila, nta mahoro”.

Mu gihe bitaratangazwa na Leta ya Kenya uwatsinze amatora, biragaragara ko akaga kahari.Kumbure abanya Kenya barigiye kuri kahise mu 2007 maze ntibasubire mu ntureka!Ivyo vyose bikaba biba bivuye ku kwiyongera ibiringo vyo gutwara.Ariko rero umukuru w’igihugu ca Tanzaniya yaraye atanze akarorero keza aho yamenyesheje ko ‘arazorenza ibiringo bibiri yemerewe gutwara’.

Recommended for you