NEWS

Amatora yo Guhinyanyura Ibwirizwa-shingiro Ariko Araba.

on

Abarundi hafi imiliyoni 5(hafi inusu y’abanyagihugu b’Uburundi) bakaba bazindutse gutora muri kamarampaka k’ibwirizwa shingiro kugira bimenywe mu vyukuri ko ryohindurwa canke ntirihinduke. Abihweza ibintu n’ibindi babona ko intsinzi ya EGO yigaragaza cane, mu gihe OYA isa niyataboneka neza.

Kuri uyu musi wa kane, abantu bazindutse batonze imirongo miremire ku bibanza vy’amatora mu gisagara ca Bujumbura kugira batange ijwi ryabo ari EGO canke OYA.

Willy Nyamitwe yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko imirongo miremire yabonetse hirya no hino ku biro vy’amatora mu gisagara ca Bujumbura…kandi ko Abarundi bari bacambiwe kugenda gutora…’

Ikinyamakuru canyu kiguma kibatohoreza uko biriko biragenda hirya no hino. Mushobora no kutwandikira canke kuraba kuri Facebook yacu uko biriko biragenda…

Recommended for you