Tuesday, May 30, 2023
HomeNewsAmatora yo 2015 ntazogenda neza mugihe Imbonerakure za CNDD-FDD zidahinduye ingendo

Amatora yo 2015 ntazogenda neza mugihe Imbonerakure za CNDD-FDD zidahinduye ingendo

David Niyoncungu arongoye ku rwego rw’igihugu urwaruka rwo mu mugambwe FRODEBU Nyakuri amenyesha ko amatora Uburundi bwimirije mu mwaka w’2015 atazogenda neza mu gihe urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD rudahinduye ingendo, rugahabwa inyigisho kugira rusonere n’abandi banywanyi b’iyindi migambwe.


David Niyoncungu arongoye ku rwego rw’igihugu urwaruka rwo mu mugambwe FRODEBU Nyakuri

“Inserukarukamvye” ni urwaruka rwo mu mugambwe FRODEBU Nyakuri. Bavuga ko ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati Edouard Nduwimana ku nsamirizi n’imboneshakure y’igihugu ko urwaruka rwose rukora amabi rugiye guhanwa hisunzwe amategeko ari uruhendo, kuko n’abafashwe batigera bahanwa. Mu mugambwe FRODEBU Nyakuri babona ko, nk’uko David Niyoncungu abishikiriza, abakora amabi ari urwaruka rw’imbonerakure za CNDD-FDD, kuko aribo batubahiriza rwa rupapuro rw’inzira. Muri FRODEBU Nyakuri bamenyesha ko urwaruka rwo mu yindi migambwe rubanye neza muri rusangi, kiretse mu mihingo hamwe hamwe, aho urwo rwaruka rw’Imbonerakure rubandanya ruhohotera, rwongera ruburagiza abo mu yindi migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.


Imbonerakure za CNDD-FDD

Akarorero ka hafi ni ak’ibiherutse gushika muri komine Giteranyi intara ya Muyinga, zone Kinanira, aho urwaruka rw’imbonerakure rwategereye abanywanyi ba FRODEBU Nyakuri bari bagiye kugira inama barabakubita bongera bamenagura imodoka barimwo.

Urwaruka rw’umugambwe FRODEBU Nyakuri rugasaba ko ivyo vyashikirijwe na Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu vyoshirwa mu ngiro, urwaruka ruhohotera abandi rugahanwa.

Sources : Igihe Burundi

Must Read