NEWS

‘Amatora ntakwiye kuba igihe c’imigumuko’, niko Ndayishimiye avuga

on

Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko igihe c’amatora mu Burundi ‘kidakwiye kwama gifatwa ko ari ikiringo kivyura intureka gusa’.

“Ikiringo c’amatora ntigikwiye kuba igihe c’imishamirano, ahubwo ni akaryo ko gusuzuma abategetsi ba politike babereye kugira hajeho intwaro zishasha z’igihugu”, niko Ndayishimiye yavuze.

Mu kiganiro yakoranye n’iradiyo y’igihugu ku bijanye n’igeregazwa ryo gushaka gutembagaza ubutegetsi ku wa 13 Rusama 2015, Evariste Ndayishimiye yaragaratse ku vyaranze uwo musi, maze amenyesha ko ingendo ya demokrasi yatsimabataye mu Burundi.

“Uwo musi niwo wabaye urugero rwo gupimirako ko demokarasi mu Burundi yashinze imizi. Twarabonye kandi ko nzego z’umutekano zihagaze neza, zishobora gukingira Uburundi n’abarundi ata mwana n’ikinono. Uwo musi warerekanye ko ubumwe hagati y’Abarundi atari agaseseshwa rumuri. Urya musi warerekanye kandi ko Uburundi bufise umutegetsi nyawe w’umuvyeyi, agendera ubuvyevyi, .. »

“Mu gihe umugamwe CNDD-FDD uzoba ugitwara Uburundi , nta ntambara zizosubira kuhaba mu Burundi, akajagari mu Burundi canke indyane zishingiye ku moko mu Burundi”, niko Ndayishimiye yavuze.

Kurikirana hano ico kiganiro:

 

Recommended for you