NEWS

Amatora muri ONU yemeje ko umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi ubandanya.

on

Mu matora yabaye ejo muri ONU muri wa Murwi wa ONU ujejwe agateka aka zina muntu i New York, vyaragaye ko abagize Inama ya ONU bagishigikiye ko umugwi wa ONU ukora amatohoza Ku Burundi babandanya igikorwa cabo, naho Leta y’Uburundi budashigikiye igikorwa cabo.

Ikinyamakuru ca ONU kikamenyesha gutya: “Utwigoro tw’Uburundi two guhagarika igikorwa co gukora amatohoza ku mabi yakozwe twatsinzwe”.

Ayo matora yabaye ejo ku musi wa mbere itariki 16 Gitugutu 2018. Ayo matora ivyavuyemwo bikaba vyabaye gutya: amajwi(ibihugu) ashika ku 73 yaremeje ko uwo murwi ukora amatohoza ku Burundi wobandanya, 33 nayo avuga ko atabishishigiye canke ataco abivugako.

“Ugushikiriza amakuru n’Umurwi washizweho ntikwigera guhura n’ingeramizi na gato…uku gusa ni ukugerageza kwa leta y’Uburundi guhagarika amatohoza…ibi ni vyiza kuri abo bose bipfuza ko mu Burundi abagirizwa amabi bashengezwa”, niko Madeleine Sinclair, atwara Internation Services for Human Rights(ISHR) yameneysheje.

Igihugu c’Urwanda( icari cemeje ko uwo murwi wojaho ngo ukore amatohoza ku Burundi mu mwaka wa 2016) muri ayo matora kikaba kitashimye kugira ico kibivuzeko(abstention), aho ni mu gihe igihugu ca Botswana arico gihugu conyene muri Africa catoye kuri ngingo ko amatohoza ku Burundi yobandanya.

Umurwiwa ONU ukora amatohoza ku Burundi ukaba washizweho mu wa mwaka wa 2016 muri Nyakanga bishigikiwe n’Ishirahamwe Mpuzamkungu ONU kugira rikore amatohoza ku mabi yoba yarakozwe mu Burundi kuva muri Ndamukiza 2015.

Recommended for you