Isekeza ryo gusarura ibikaju vy’ihinguriro SOSUMO ryatanguye kuri uyu wa kabiri mu ntara ya Rutana. Mw’uy’umwaka, iryo shirahamwe rikaba ritegekanya kuzoronka umwimbu ungana n’amatoni ibihumbi 18 y’isukare. Ni mugihe mu mwaka uheze, umwimbu iryo hinguriro ryaronse, wangana n’amatoni ibihumbi 15 gusa, bisigura ko uy’umwaka hazoboneka akarusho kangana n’amatoni ibihumbi bitatu ugereranije no mu mwaka uheze.
Kubw’abakozi ba SOSUMO, umwimbu w’isukari w’iryo hinguriro wama uriko urahindagurika buri mwaka bitewe n’ingorane zitandukanye zirangwa muri iryo hinguriro . Zimwe muri izo ngorane, nkuko bishikirizwa n’abahakora ni ugusaza kw’ibikoresho aha twovuga nk’ama mashini bita «tracteurs» ashaje ku buryo atagishobora gukorera mu mirima yose ya SOSUMO mu gihe c’imvura. Ikindi kibazo gishikirizwa n’abakozi ba SOSUMO, ni uko iryo hinguriro rikora ari rimwe atarindi ririsahiriza maze umwimbu w’iryo hinguriro ntushobore gukwira igihugu cose nkuko vyategerezwa.