NEWS

Amatoni 325 y’Ubutare Bumaze Gushorwa hanze y’Uburundi mu kiringo c’amezi 6.

on

Mu kiganiro n’abanyamakuru , umuhagarikizi w’ishirhamwe ry’ubucukuzi bw’ubutare, Rainbow Mining Company( RMB), Gilbert Midende, yaramenyesheje ko amatoni ashika ku 325 y’ubutare amaze gushorwa hanze y’Uburundi mu kiringo c’amezi atandatu kuva iryo Shirahamwe ritanguye gucukura ubutare mu gace ka gakara mu Kabezi mu ntara ya Bujumbura.

Iyo Rainbow Mining Company ikaba yasinye amasezerano na leta y’Uburundi kugira ngo ishobore kwimba ubutare budakunda kwibonekeza aribwo Terres rares, ubutare buronderwa cane mu bijanye no gukora nka mwene ya miduga ikoresha umuyagankuba, bugakoreshwa kandi mu guhingura ibikoresho bitandukanye usanga bizimvye mw’isi. Leta y’Uburundi ikaba ironkako itagisi y’amahera kuri iryo shirahamwe ryahawe kwimba ubwo butare.

Midende akaba yamenyesheje kandi ko hitezwe gushorwa amatoni ashika ku 3000 y’ubutare aho kuba amatoni 5000 mu mwaka uza wa 2018, kubera ko habonetse ‘utunenge kanaka mu bijanye n’ubutaka bwimbwamwo ubwo butare’.

https://twitter.com/olucome_burundi/status/983339334098137088

Midende kandi akaba yamenyesheje ko iryo Shirahamwe RBM ryatanze intererano y’amatora ya miliyoni 10 kubw’amatora ya 2020. Ariko rero Ishirahamwe OLUCOME ribona ko nyabuna iyo ntererano ari ‘uburyo bwo gutanga igiturire muri leta’.

Recommended for you