Umukuru w’igihugu c’uburundi amenyesha ko abafise amatongo manini badashoboye kuyarima bagiye kuyaha abadafise aho barima. Perezida Ndayishimiye yabitangaje kuri uyu wa mbere igihe hariko hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi wahimbarijwe ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga.
Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye agasigura ko ari mu ntumbero yo kurwiza umwimbu mu gihugu ko rero ayo matongo atoguma ukwo ataco ariko arakorerwamwo. Uwo arongoye uburundi iki gihe akamenyesha ko hagiye gutunganywa ibiganiro n’abafise amatongo manini badashobora kurima kugira ayo matongo ashobore guhabwa abandi badafise aho barima maze bayarime.
Bamwe n’abandi bakabona ko iyo ngingo hamwe yoshirwa mu ngiro igiye kuzoryanisha abarundi bitumwe na Leta kuko kubwabo ntibatahura ukuntu Leta yogaba ibintu vy-abanyagihugu bamwe ikabiha abandi kandi bizwi ko itongo ry-umuntu atawundi muntu arifitiye uburenganzira bwo kurikoresha ico ashaka kiretse nyene ryo gusa.