NEWS

Amatohoza arabandanya kw’igandagurwa riheruka gukorerwa umushikiranganji Emmanuel NIYONKURU

on

Umushikiranganji w’amazi hamwe n’ibidukikije, Emmanuel Niyonkuru yagandaguwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro, mu gihe yariko ataha ku rugo rwiwe ruri muri zone ya Rohero mu gisagara ca Bujumbura. Mu giporisi bamenyesheje ko uwamugandaguye yamurasishije inkoho yo mu bwoko bwa “Pistolet”, aca atungwa nayo yameze.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesheje ko umukenyezi atariumugore wiwe bari kumwe yahagaritswe ku mvo z’amatohoza.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yahojeje umuryango w’uwo mushikiranganji yagandaguwe, amenyesha ko abakoze ubwo bwicanyi bazotegerezwa kubihanirwa.

Recommended for you