MUSIC

Amashirahamwe y’abaririmvyi ntahuza kugahembo kazohabwa umuririmvyi Diamond Platnumz

By

on

Mu gihe abakunzi b’umuzika barindiriye igiteramo ca mbere umuririmvyi akomeye wo mu gihugu ca Tanzania azogirisha itariki 28 mukakaro kukibuga c’ishure ETS mu gisagara ca Bujumbura. Abaserukira amashirahamwe y’abaririmvyi ntibahuza kugahembo azohabwa n’ishirahamwe Brarudi ryamutumiye.

Diamond Platnumz akazoririmba ku musi wanyuma w’ihiganwa ryiswe Primusic ryatunganijwe n’ishirahamwe Brarudi. Akazohabwa agahembo k’amahera angana arenga imilioni 100 z’amarundi tuyahinduye mu ma dollars amakuru adushikira avuga kwazohabwa ama dollars ibihumbi 40.

Kubwa Freddy Kwizera atwara ishirahamwe Amicale des Musiciens du Burundi mugifaransa amenyesha ko ishirahamwe Brarudi rifise ububasha bwo guhemba umuririmvyi ryatumiye amahera bumvikanye. Ati ariko boraba n’abaririmvyi b’abarundi agahembo kabo kakaduga kuko muri Primusic hari abaronse imilioni 15 uwuzotsindira iryo higanwa nawe akazoronka imiliyoni 25.

Ariko kubwa Cédric Bangirinama batazira Cédric Bangi Fayulu atwara ishirahamwe Coopérative des Musiciens du Burundi wewe abona ko ari akagaye n’akarenganyo kubona umuririmvyi w’umunyamahanga aronka ayo mahera abarundi bakoronka make. Asaba ishirahamwe Brarudi kuzohora ibanza kubaza amashirahamwe y’abaririmvyi imbere yogutunganya ibiteramo kugira impari zigabanuke.

Recommended for you