NEWS

Amashirahamwe mvamakungu yahagaritswe ikiringo c’amezi atatu.

on

Amashirahamwe mvamakungu ategamiye leta y’Uburundi( Organisations Non-gouvernementales etrangeres) yahawe ikiringo c’amezi atatu adakora kugira ngo abe yakurikije amategeko asabwa na leta y’Uburundi, ivyo bikaba vyashikirijwe mw’itangazo ryasomwe kw’iradiyo nkuru y’igihugu RTNB n’umunyamabanga ntayegayezwa w’inama y’umutekano w’igihugu, Silas Ntigurirwa.

Iyo ngingo yafashwe na leta y’Uburundi bimazwe kwIhwezwa ko ayo mashirahamwe mva makungu atubahiriza amategeko yashizweho abagenga, rero ko bibereye ko ayo amshirahamwe ahabwa ikiringo kinaka c’amezi atatu akaba yisubiyeko.

Ayandi mashirahamwe yahagaritswe mu kiringo c’ukwezi ni amashirahamwe hamwe n’amakoperative akora ivyo gushora ubutare bw’Uburundi mu makungu kubera vyagaragaye ko hajamwo ubusuma muri ivyo bikorwa vyabo.

umushikiranganji w’ubutare n’agataka akaba yahawe itegeko n’inama Nkuru y’umutekano gukurikiranira hafi ico kibazo.

Aba nabandi baribaza igituma leta yafashe iyo ngingo yo guhagarika ayo mashirahamwe, ariko bamwe bamwe baribaza nimba leta yoba igomba gusubira gutunganya gushasha ayo mashirahamwe mvamakungu, ubona ko yagirizwa gukoresha aka mwana wa mama mu gutanaga akazi, nk’akarorero gukoresha abarundi bo mu bwoko bw’abatutsi ku bice 60%, abahutu nabo ibice 40%.

Recommended for you