NEWS

Amashirahamwe mpuzamakungu 25 niyo amaze kwemererwa gusubira gukora

By

on

Amashirahamwe mpuzamakungu agera kuri 25 niyo amaze kwiyandikisha kugira asubire gukora inyuma yo guhagarikwa n’ingingo y’inama nkuru y’umutekano mu mpera z’ukwezi kw’icenda uyu mwaka.

Nk’uko vyashikirijwe na Pascal BARANGAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, yavuze ko intambwe yo gusubira kwandika ayo mashirahamwe ishimishije, akaba yemeza ko hari ayandi agera kuri 11 yasavye kwiyandikisha ariko gushika ubu afise ibikibuze muri dosiye yatanze.

Umushikiranganji BARANDAGIYE asaba abarongoye ayo mashirahamwe ko boca muri ubwo bushikiranganji arongoye kuraba ibibuze.

Aho ni mu gihe kuva kw’igenekerezo rya mbere Gitugutu 2018, uburundi bwari bwamenyesheje ko ata shirahamwe na rimwe mvamakungu ryemewe ko rikorera mu Burundi.

Mwokwibuka ko umurwi w’igihuu ujejwe umutekano mu Burundi wafashe ingingo yo guhagarika amashirahamwe yose ategamiye Reta mu kiringo c’amezi atatu yagirizwa kurenga amategeko.

Iyo nama irongowe n’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yashinze kandi ko amashirahamwe akora mu vy’ubutare nayo ahagaritswe mu kiringo c’ukwezi kose.

Mw’itangazo ryashikirijwe na Général Silas Ntigurirwa, umunyamabanga mukuru w’inama nkuru y’umutekano w’Uburundi, yavuze ko ayo mashirahamwe yigisha ibitajanye n’ivyo yiyemeje ku buryo amwe amwe muri ayo mashirahamwe ashobora guhungabanya umutekano.