Sunday, March 26, 2023
HomeNewsAmashirahamwe mpuzamakungu 12 asaba ubumwe bwa buraya kutakurako ibihano uburundi.

Amashirahamwe mpuzamakungu 12 asaba ubumwe bwa buraya kutakurako ibihano uburundi.

Ngo naho hari utwigoro ariko tudashemeye Leta y-uburundi  irongowe na Perezida Ndayishimiye yakoze mu kwishira no kwizana,  Amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe ivy-agateka ka zina muntu asaba umuryango w-ubumwe bwa buraya kutajana narwo ngo Leta y-uburundi yemeye gukora ibi na biriya ahubwo uwo muryango w-ubumwe bwa buraya bwoshimikirako hashirwa mu ngiro  ibikorwa biboneka ko agateka ka zina muntu kariko karubahirizwa.Drapeau de l'Union Européenne // European flag Stock Photo - Alamy

Ayo mashirahamwe mw-ikete ryayo yandikiye umukuru w-umuryango w-ubumwe bwa buraya hamwe n-abashikiranganji b-imigenderanire b-uwo muryango aributsa ubumwe bwa buraya ko bwafatiye Leta y-uburundi kuva muri Ntwarante 2016 ibihano bivuye  kukutubahiriza  amasezerano ya Cotonou  mu bijanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu, intwaro rusangi hamwe n-intwaro ishingiye ku mategeko. Ibihano vyafatiye igihugu c-uburundi bikaba bishigikiye kukutaronswa imfashanyo y-amafaranga kuri Leta y-uburundi.

Ayo mashirahamwe ntiyibagira kandi ko Perezida Ndayishimiye yashikanywe k-ubutegetsi  inyuma y-amatora yaranzwe n-ihungabanywa ry-agateka ka zina muntu mu gihugu cose. Kubw-ayo mashirahamwe, arongera akamenyesha ko abandanya agira amatohoza kw-ihungabana ry-agateka ka zina muntu harimwo kuborezwa igufa abahagarikwa biciye ku biri n-amategeko hamwe n-ababurwa irengero n-abaguma batorwa ibiziga mu mihingo itandukanye y-igihugu. Kubw-ivyo, Ayo mashirahamwe agera kuri 12 asaba umuryango w-ubumwe bwa buraya  kutaca kubiri n-ibisabwa kugira bugiranire  imigenderanire n-ibihugu , agasaba kandi ko uburundi bwerekana ko hari ivyashitsweko biboneka kugira ukudahana biranduranwe n-imizi. Umuryango w-ubumwe bwa Buraya buributswa n-ayo mashirahamwe ko intwaro ibereye ishingiye ku mategeko n-intwaro rusangi arivyo amasezerano y-I Cotonou ashingiyeko. Amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu asaba ko Leta y-uburundi yofata ingingo zihuta harimwo kwugururira abaharanira agateka ka zina muntu mukugira amatohoza bishikira mu Burundi.

 

Must Read