NEWS

Amashirahamwe CAPES+ na PISC Burundi aratangazwa n’ingingo zafashwe na sentare y’i Paris n’umurwi w’abafasha Uburundi

By

on

Mu kiganiro bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, Hamza Venant Burikukiye arongoye CAPES + avuga ko yaguye mu gahundwe yumvise ko sentare y’i Paris m’Ubufaransa itakiriye ibirego vyatanzwe n’Umukuru w’igihugu kuvyerekeye isinema yerekanywe ku mboneshakure y’Abafaransa France 3, ivyo birego bikaba vyagiriza umushingwamanza Maingen n’uwitwa Gakunzi ko aribo batwaye iyo sinema, Hamza Venant Burikukiye yise iy’ibinyoma, kur’iyo mboneneshakure.

Hamza Venant Burikukiye aratangazwa kandi ko umurwi w’abafasha Uburundi wasavye ko amaradiyo BBC na VOA yosubira gukorera mu Burundi munyuma yaho aburijwe gukorera k’ubutaka bw’Uburundi n’ikigo CNC kijejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora. Uwo arongoye ishirahamwe CAPES + avuga ko abo bafasha Uburundi bakoreye kubishobisho akabasaba guhanura ayo maradiyo kumvikana na CNC kuvyo badahurizako.

Jean Marie Nduwimana nawe arongoye ishirahamwe PISC Burundi abona ko ibihugu vya rutura na cane cane ivyakoronije Uburundi bishaka ko Abarundi bajuragirika ngo narirya amatora yo mu 2020 yegereje, ico yise inyonko y’amatora.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply