NEWS

Amashirahamwe atari aya leta ‘agiye kwisunga ibitigiri vy’amoko mu gutanga akazi’.

on

Inama Nkenguzamateka y’Uburundi uyu musi wa kane itariki 13 Nyakanga 2018, biciye ku muvugizi wayo, Anicet Niyongabo, niho yaramuka yiga ku bijanye n’uko amashirahamwe atari aya leta kandi akaba atwarwa n’abantu bava mu bindi bihugu( ONG internationales) ko akurikiza amategeko yashiriweho.

Inama Nkenguzamataka ikaba yamenyesheje ko izogena umugwi w’abakenguzamateka kugira bakurikiranae ishirwa mu mgiro ry’amategeko yashizwe ahabona agenga ayo mashirahamwe.

Ivyo bishitse mu gihe Leta y’Uburundi itarabana ryiza n’amashirahamwee atari aya leta yaba ayabanyamahanga cane atwara n’abarundi ‘yagirizwa kudakurikiza ibitigiri vy’amoko mu gutanaga akazi’ nk’uko amategeko y’Uburuni abisaba.

Anicet Niyongabo akaba yamenyesheje ko “ugutanga akazi mwayo mashirahamwe gukwiye gukorwa hubahirijwe ibitigiri vy’amoko(60% vy’abahutu na 40% ku batutsi)”.

Bivanye n’uko amashirahamwe atari aya leta yotswa igitsure na leta y’Uburundi muri ubwo buryo, hari amashirahamwe amwe amwe amaze kwugarirwa imiryango yo gukora ku mugaragaro ‘kubera yagirizwa gutanga akazi ku bwoko bumwe mu gihugu’. Bikavugwa ko nk’akarorero Ishirahamwe TUBURA ryugariwe gukora ku mugaragaro kubera izo mpamvu.

Igihe hageze gutanaga akazi, amashirahamwe mvamakungu ategerezwa kugengwa n’amategeko amwe cokimwe n’abandi mu Burundi…ayo mashirahamwe ategerezwa kugengwa n’ayo mategeko avuga ibijanye n’ukuraba uburinganire mu bijanye n’ubwoko n’igitsina mu gutanga akazi”,niko Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yavuze.

Recommended for you