NEWS

Amashirahamwe Ataho yegamiye mu vya politike ahamagarira Ubumwe Bwa Afrika Ku kibazo c’Uburundi.

on

Mu gihe hegereje cane amatora y’akamarampaka yo kwemeza canke guhakana ko ibwirizwa shingiro rihinyanyurwa, umugambi ubonwa na benshi ko ari ugushaka kwa Petero Nkurunziza kwigumiza ku butegetsi, ubu hoho n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike aratewe ubwoba n’ibiraririye gushika.

Akamarampaka ko muri Rusama 2018 kariyamirijwe na benshi mu batavuga rumwe na Leta hamwe na bamwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Kuva mu myaka ibiri iheze, ni abakuru b’ibihugu vya afrika y’Ubuseruko bagira uko bashoboye kwose kugira bagarukane ituze mu gihugu c’uburundi. Ubu hoho, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike abona ko Ishirahawe ry’Ubuwe Bwa Afrika ko ariryo ryokwifatira ibintu mu minwe.

Janvier Bigirimana, umunyamabanga wa FOCODE, yabwiye RFI ati:” Ubu haraheze imyaka ibiri Umuryango wa Afrika y’ubuseriko ugerageza kurondera umuti w’ikibazo c’Uburundi. Igihe umufasha mu biganiro bihuza Abarundi , Benjamin Mkapa,yamenyesha ivyo yashitseko mu gikorwa yashinzwe, yaramenyesheje ko atafashwe mu mugongo n’abakuru b’ibihugu [vya EAC]”.

Janvier Bigirimana abandanya ati: “Rero, niyaba umufasha yemanga ko adashigikiwe n’abakuru b’ibihugu vya EAC, twibaza ko ari umwanya nyawo wo kwiyumvira iyindi nzira ihambaye kuruta, Ishirahamwe Ry’Ubumwe bwa Afrika, kugira ngo Ubumwe bwa Afrika bugerageze kwumvisha Petero Nkurunziza hamwe n’intwaro yiwe ko umuti nyawo wo gutorera umuti ikibazo c’Uburundi ari ukwemera akaganira n’abatavuga rumwe na we, ata kirinze gusabwa”.

Recommended for you