NEWS

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu asaba ONU kubandanya ikora amatohoza ku Burundi.

on

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu nka Human Rights Watch,  asaba ONU kubandanya ikora amatohoza ku Burundi gushika inyuma y’amatora ya 2020.

Ayo mashirahamwe hafi 30 harimwo ayo mu Burundi nka APRODH, FOCODE, ACAT Burundi, FORSC, etc akaba yandikiye Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ko ryokwongera ikringo c’umwaka ku kirongo co gukora amatohoza ku gihugu c’Uburundi.

Ishirajamwe Mpuzamakungu ONU ryarashizeho umurwi udasanzwe ujejwe gukora amatohoza mu Burundi ku mabi avugwa ko yoba yarakozwe kuva mu mwaka wa 2015 aho hatangura imyiyerekano yo kwiyamiriza ikindi kiringo ca Petero Nkurunziza.

Human Rightds Wathch ikamenyesha ko bikwiye ko n’imbiburiburi hajako ikindi kiringo cogera nko muri Nyakanga 2020 mu bihe vy’amatora na cane cane imbere y’amatora kubera hashobora kuba izindi ntureka zishingiye kuri Politike.

Umurwi wa ONU ujejwe gukora amatohoza ku Burundi wama uhabwa ikiringo c’umwaka utarenga.

Leta y’Uburundi ntiyama yemera ivyegeranyo bishirwa ahabona na wa mugwi wa ONU ukora amathoza ku Burundi maze ikavuga ko ivyo vyegeranyo bihengamnye kandi bigamije guhungabanya inzego za leta y’Uburundi.

Recommended for you