NEWS

Amashirahamwe 9 niyo yaterereye Intamba mu Rugamba

By

on

Ayo mashirahamwe ni SOSUMO yatanze imiliyoni 5 z’amarundi, Imena Soma Usubire yatanze imiliyoni 10, Regideso yatanze imiliyoni 10, Uni Pharma miliyoni 4, Changai Homoport imiliyoni 5, Musumba Steel imiliyoni 20, banki KCB imiliyoni 5, BCB imiliyoni 10 na FENACOBU imiliyoni 10.

Umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo akaba ariwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru m’Uburundi, FFB, akaba yashimiye abo baje gushigikira Intamba mu Rugamba akavuga ko nazo nyene ziteye iteka mu kugera mu gice ca nyuma c’inkino za CAN ubwambere kuva Uburundi bwikukira.

Mwomenya ko nayandi mashirahamwe atandatu yatanze intereno yayo yo gushigikira Intamba mu Rugamba mu ndwi iheze. Ishirahamwe FFB rikaba kandi ryaratunganije urukino rwo gushigikira Intamba mu Rugamba itariki 31 rusama aho hazodandazwa m’Uburundi bwose amatike yo guterere uyo murwi w’igihugu.

Itike ikazogurwa ibihumbi 5 imwe kuduga gushika k’umuliyoni urenga kubashaka guterere Intamba mu Rugamba, abo nabo bakazoca baronswa urupapuro rwiteka rwemeza ko baterereye umurwi w’igihugu. Hari n’inimero za Lumicash na Ecocash zuguruwe kugira uwariwe wese aterere abazoherekeza Intamba mu Rugamba mur’urwo rubanza rukomeye.

Intamba mu Rugamba zikazoca zifata urugendo itariki 2 ruheshi zigana mu gisagara ca Doha mu nyuma i Tunis mu ntumbero yo kwimenyereza mu nkino no kumenyera ikirere co mu barabu.

Recommended for you