Mu gihe hategekanijwe mu kwezi kw-icenda hamwe no mu kw-icumi inama igira 48 y-inama nkuru ya ONU ijejwe ivy-gateka ka zina muntu , Amashirahamwe 43 agizwe n-ayo mu Burundi, mu karere na mpuzamakungu asaba abaserukira hamwe n-abahinga b-inama ijejwe agateka ka zina muntu muri ONU kutirahira ngo urwo rwego rukure ijisho ku Burundi kuko agateka ka zina muntu gahungabanywa ku rugero runini.
Ayo mashirahamwe mu rwandiko yarungikiye inama nkuru ya ONU ijejwe mu vy-agateka ka zina amenyesha ko ubwicanyi bucagura, ukunyuruza abantu, ukuboreza igufa abantu hamwe n-ihagarikwa ry-abantu bahorwa ko ari abatavuga rumwe n-umugambwe uri k-ubutegetsi vyiyongereye muri aya mezi aheze, biboneka ko habaye ugusubira inyuma ugereranije n-intambwe zari zakurikiye amatora yo mu 2020. Abateye umukono mw-urwo rwandiko bavuga ko iyo nama ya ONU yimirije itegerezwa gusohora urwandiko rujanye n-ukuri kuriko kubera ku rubuga rw-uburundi.
Basaba kandi ko habandanya igikorwa cigenga co kugira amatohoza n-ugukurikirana ihohoterwa ry-agateka ka zina muntu hamwe n-ivyegeranyo bigaragara ku bijanye n-agateka ka zina muntu mu Burundi , bafashijwe n-abakozi bakwiye ndetse n-ugukurikirana ico gikorwa hamwe n-ibisabwa n-uwo murwi, cane cane ibijanye n-ubutungane hamwe n-ingene imanza zakirwa mu Burundi.
ˮDufatiye kw-isinzikazwa ry-agateka ka zina muntu riguma ryongerekana murino misi ,ku bantu bafatwa, bakanyuruzwa, abandi bakicwa, abandi bagahagarikwa hadakurikijwe amategeko kubera bavuga yuko bari mu batavuga rumwe na Leta .Ivyo vyose birerekana yuko ivy-agateka ka zina muntu bitigeze bitera imbere mu Burundi . Ikindi naco twasavye inama nkuru ya ONU ko yo gumiza ijisho ku Burundi ntigire ngo harabaye impinduka mu gufata ko hari ibintu bikebike vyagiye biratera imbere, Dusaba ko mu ngingo izofatwa mw-iyo nama igira 48 y-uko yosaba ahubwo Leta y-uburundi kugira ivyo ihinduye mu kwerekana ugushaka ifise mu gutera imbere muvyerekeye agateka ka zina muntu , mugufata ingingo kubariko bavurwa mw-isinzikazwa ry-agateka ka zina muntu‟ Niko Armel Niyongere avuga arongoye ishirahamwe ACAT-BURUNDI riri muryateye umukono mw-urwo rwandiko.