Amashirahamwe ashika ku 1300 arimwo amashirahamwe n’ama Syndicats yiyemeje kurwanya ubuzima buzimvye uhamagarira abanya bujumbura mu rugendo rw’amahoro ruzoba kuri uyu wa gatanu igenekerezorya 27 ntwarante, urwo rugendo rukaba ruzotagurira ku kibuga c’umupira w’amaguru Prince Louis Rwagasore(Ico kibuga kikaba kiri hampande y’ibiro vy’umukuru w’igihugu), urwo rugendo rw’amahoro rukaba rutunganijwe mu nyuma yaho atagikorewe n’ababijejwe kuvyasabwe n’ayo mashirahamwe.
Hampande y’uwo rugendo amwe amwe mu ma syndicats ari muri uwo murwi akaba agabisha ko ashobora guhagarika ibikorwa bakora(General strikel) mu gihe ivyo basaba bitokorwa gushika ku musi wa gatatu, ngo umusi n’isaha w’ihagarikwa r inyuma y’uwo wa 1 ndamukiza(kuwa gatatu) bazohagarikirako ivyo bikorwa ntawuwuzi.
Mwibuke ko haheze igihe kitari gito ayo mashirahamwe asaba leta y’uburundi ngo igabanye igiciro c’igitoro ikureko ikori ry’amahera 42 ku munota kw’ihamagara.