NEWS

Amashengero yubakishijwe ivyatsi agiye kubomorwa.

on

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihigu, Pascal Barandagiye yamenyeshejee ku wa 27 Ruheshi 2019 ko bikwiye ko amashengero atubatse mu buryo bwa kijambere abomorwa.

Baranadagiye akaba yamenyesheje ivyo abaserukira amashengero mu Burundi aho yabahaye ikiringo kitarenga uku kwezi kwa gatandatu babe bitunganjije.

Barandagiye kandi yaboneyeho akanya ko kumenyesha ko bibujijwe guhera ubu kwubaka inyubakwa y’ishengero rishsha mu gisagara ca Bujumbura.

“Ntushobora kuvuga ko uriko usenga Imana mugihe usengera mu nzu y’ivyatsi canke amarenga…uko ni ukwiba amafaranga y’abantu”, niko Barandagiye yamenysheje.

Ubu bikaba bigiye gutuma habazwa uwo wese yubaka inzu nimba vy’ukuri ariko yubaka inyubakwa y’urushengero.

Abari bitaveye uwo mubonana na Barandagiye bakaba basavye ko nyabuna bokwongerwa ikiringo kugira ngo bisuganye na rirya uku kwezi kwa gatandatu kwaheze.

Recommended for you