NEWS

Amashengero mashasha n’imisigiti ntivyemewe kwugururwa i Bujumbura.

on

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwaraye bufashe ingingo ko kuva ubu bibujijwe kwugurura amshengero mashasha canke imisigiti mishasha mu gisagara ca Bujumbura.

Pascal BARANDAGIYE, atwara ubwo bushikiranganji, yamenyesheje ko uwushaka wese gushinga amashengero mashasha ategerezwa kuja mu  gihugu hagati kuyashingayo, naho nyene hubahirijwe amategeko agenga amashengero mu Burundi.

Muri  urwo rwandiko, Pascal Barandagiye yamenyesheje ko ibibanza vyo gusengeramwo bitegerezwa kuba ari ibibanza bibereye kandi vyubahiriza amabwirizwa y’isuku.

Amashengero yubatse mu vyatsi ategerezwa gusamburwa nkuko biri muri urwo rwandiko.

Mbere numusigiti mushasha ugiye kuzokwubakwa habanje kuboneka uruhusha rwatanzwe n’umushikiraganji, niko urwo rwandiko rubandanya ruvuga.

Bikaba bibujijwe ko ata munyamahanga arekuriwe kuja mu nzego z’igihugu z’ishengero hamwe no mu nzego zifata ingingo.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.