NEWS

Amashami abiri ya UPRONA yasubije hamwe.

on

Imirwi ibiri yo mu mugambwe UPRONA itavuga rumwe na leta y’Uburundi ivuga ko yasubije hamwe mu nzandiko yashize ahabona ku mbuga ngurukana bumenyi.

Ayo mababa abiri ya UPRONA ni ishami rya Evariste Ngayimpenda hamwe n’ishami rya Charles Nditije.

Hakaba hari n’irindi shami rya UPRONA rya Abel Gashatsi na Concilie Nibigira(naho baheruka gucanamwo nabo).

“N’intambwe ihamabaye ishikana ku kunywanisha abadasigana”,Evariste Ngayimpenda niko amenyesha, mu gihe Gasutwa Bonavanture(avugira Nditije Charles) awe amenyesha ko ari ‘intango nziza ku bwo gusubiza hamwe kw’umugambwe wa Rwagasore’.

Mu rwandiko rwashizwe ahabona, ayo mashami uko ari abiri atavuga rumwe na letay’Ubrundi amenyesha ko ‘azobandamay arwanira agateka k’uko Amasezerano ya Arusha yubahirizwa’.

Mwomenya ko hari irindi shami rya UPRONA ryemewe na leta y’Ubrundi, rirongowe na Abel Gashatsi(naryo nyene risa niririko ryicamwo ibice bagirizanya gusesagura ubutunzi bw’iryo shami rya UPRONA).

 

 

 

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply