Friday, December 2, 2022
HomeUbutunziAmasendika y’abakozi COSYBU na CSB ababajwe n’iduga ry’ibiciro ku vyankenerwa Vyose.

Amasendika y’abakozi COSYBU na CSB ababajwe n’iduga ry’ibiciro ku vyankenerwa Vyose.

Inani z’amasendika y’abakozi COSYBU naCSB zitewe impungenge n’iduga ry’ibiciro vy’ivyankenerwa bibandanya biduga ariko amikoro y’abakozi n’abarundi muri rusangi atisununura.

Mw’itangazo ryasohowe n’izo nani kuri uyu wa gatanu zishira ahabona akarorero k’ibipfungurwa vya nkenerwa nk’umuceri, ibiharage , intete z’ibigori , igitoro , ibinyobwa vy’ihinguriro BRARUDI hamwe n’ibindi,…Abarongoye izo nani bagasaba Leta gukora uko ishoboye kugira ibiciro bigume biri hasi. Izo nani kandi zisaba ko agashahara ko kwongerezwa maze Leta igafatira ku kungene ubuzima bwazimvye hamwe n’uko ifaranga ry’uburundi riguma ribandanya rita agaciro.

Celestin Nsavyimana arongoye COSYBU mu kiganiro yahaye bagenzi bacu ba Radiyo Bonesha FM yavuze ko adatahura ingene umushahara w’ifatiro muto ubaho ari amafaranga atarenga 180 kandi haciye imyaka 30 itegeko riwushinze. Agasaba ko uwo mushahara bita “SMIG” woshirwa ku bihe igihugu kigezemwo.

Must Read

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora...

0
Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu...