NEWS

Amasasu yumvikanye mu Bwiza

By

on

Amasasu atari make yumvikanye muri zone ya Bwiza, igisagara ca Bujumbura, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu. Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko ari abaporisi bariko bakurikirana umusuma yari ahejeje kwiba mu ngo z’abanyagihugu.

Petero NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko ayo masasu yumvikanye ari ayarashwe n’umuporisi yariko atangiriza umusuma karuhariwe azwi kw’izina rya NGAMA.

Mu giporisi bavuga kandi ko uwo musuma yari amaze imisi yiba muma modoka, ubu akaba yafatanwe amahera yari yivye, ama terefone ngendanwa, impeta n’ibindi.

Umuporisi yarashe yagemye mu maguru uwo musuma yaheruka gusohoka ibohero rikuru rya Mpimba, ubu akaba ariko avurirwa mu bitaro vy’abaganga batagira imbibe (MSF) biri muri karitiye ya Kigobe.

Recommended for you