NEWS

Amasasu yumvikanye ku murwa mukuru w’intara ya Gitega

on

Umutekano wahungabanye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana ku murwa mukuru w’intara ya Gitega, ahumvikanye amasasu.

Ayo masasu yumvikaniye muri karitiye ya Shatanya, mu giporisi c’Uburundi bakamenyesha ko ayo masasu yarashwe n’umuporisi yari yaborewe, akaba yarashe amasasu hejuru, ivyateye ubwoba abanyagihugu bo muri iyo karitiye.

Mu giporisi bavuga ko uwo muporisi yaciye yakwa inkoho, ajanwa gupfungirwa mu gasho k’intara ya Gitega.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply