NEWS

Amasanganya y’imodoka ku mabarabara yoba ariko aragabanuka

By

on

Nkuko bimenyeshwa na Commissaire de police Serges Ntakavura, umwunganizi w’umushikiranganji w’umutekano, amafaranga angana imiriyoni 800 y’amahera y’amarundi y’amande yaratojwe kubagendesha imiduga ataruhusha babifitiye. Ivyo yabivuze mu gihe ubwo bushikiranganji bw’umutekano bwariko buratanga ivyo bwaranguye mur’aya mezi atatu arangiye.

Nayo abantu bashika 108 barapfiriye mu mpanuka z’imiduga abandi nabo bangana 892 barakomereka. Commissaire de police Serges Ntakavura amenyesha ko igipolisi cagiye kugenzura mw’ibarabara abatwara imodoka ko bakwije ibisabwa incuro 4654 aho bakaba baraba cane cane umuvuduko ukomeye canke abafise impapuro zo kugendesha umuduga za magendu.

Commissaire de police Serges Ntakavura amenyesha ko amadosiye 509 y’abarenze amategeko yo mwibarabara yakozwe ashikirizwa ubutungane, ayandi nayo ashika 488 ariko arakorwa atohozwa n’igipolisi. Umwunganizi w’umushikiranganji w’umutekano amenyesha kandi ko impusha zo gutwara imodoka zishika 4420 zatanzwe hamwe n’izindi mpusha z’agateganyo zigera ku 2356 zatanzwe.

Commissaire de police Serges Ntakavura wewe akavuga ko impanuka zo mw’ibarabara ziriko ziragabanuka kuko zavuye ku 1425 zija kuri 1054 mur’aya mezi atatu aheze. Ivyo bikaba vyavuye nkuko bivugwa na commissaire de police Serges Ntakavura ku ngingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’umutekano bwo kugumya canke kwaka impusha zo gutwara abantu n’ibintu kubamaze gukora amakosa menshi.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply