Tue. Jan 28th, 2020

Amaritiro 800 y’igitoro yafashwe n’igiporisi

Amaritiro amajana umunani (800 litres) y’igitoro yafatiwe ku murango wo kuri uwu wa mbere muri zone ya Buterere, ku rugo rw’umuntu yitwa Ngenzemake Fanuel.

Ico gitoro cafashwe n’igiporisi, kibifashijwemwo n’abanyagihugu, kikaba cari mu muduga wo mu bwoko bwa FUSO ifise iparati ndangamuduga I 5536.

Mu giporisi bikeka ko ico gitoro ari icagira gitwarwe kudandazwa kuri magendu ku biciro vy’umurengera, aho tukabibutsa ko haheze hafi ukwezi kurenga hibonekeza ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa Essence mu Burundi.

Iyo modoka hamwe n’ico gitoro, vyose vyaciye bifatwa bitwarwa ku kirindiro c’igiporisi, amatohoza akaba yatanguye.

Mwomenya ariko ko nyene urwo rugo, ariwe Ngenzemake Fanuel atashoboye gufatwa, kuko atari muhira umwanya ico gitoro gifatwa.