Sunday, March 26, 2023
HomeNewsAmarira n'amaganya vy'abarundi ku bibazo bibugarije iki gihe vyoba biriko...

Amarira n’amaganya vy’abarundi ku bibazo bibugarije iki gihe vyoba biriko bishikira Perezida Ndayishimiye?

Abarundi benshi bari mu marira n-umwiheburo udasanzwe bitewe n-ingingo ziguma zifatwa n-abategetsi b-uburundi bafata nk-«iz’agahotoro» ahandi bakisanga ubuzima bwababanye ikibazo bitewe n-iduga ry-ibiciro vy-ibidandazwa vyankenerwa mu buzima bwa misi yose. Bamwe n-abandi bakibaza nyimba Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yoba yumva ayo marira canke imyidogo biri mu barundi arongoye.

Bamwe mu barundi bavuganye n-ikinyamakuru UBM News, ntibatahura igituma imyidogo imaze imisi yibonekeza mu barundi isinzi  ataco iheza ikavamwo ndetse n-umukuru w-igihugu c-uburundi ahanini agashima kwigumira mu gacerere. « ubu bamwe twarahevye isukari, dushima gukorera icayi abana bacu dukoresheje ubuki bw-umutsama.  Ikitibagiwe ni inzoga za BRARUDI ikinyobwa ca AMSTEL umuntu aho acumvise asanga camaze umwanya urume rumara» Niko uw-umunyagihugu wo mu gisagara ca Bujumbura avuga.

Uyu nawe akomoka mu ntara ya Rumonge ati :« jewe nguma nibaza nti hariho abantu bariko batwarira nabi perezida wacu Ndayishimiye , nkubu isukari, passport , ifumbire ya FOMI, iduga ry-ibiciro ry-ibidandazwa vya nkenerwa , ingingo zikomakomeye ziguma zifatwa biboneka ko zije guhungabanya umwenegihugu , nko kubona babujije abanyonga ama bajaj, Tuk-Tuk n-amapikipiki gukorera mu gisagara ca bujumbura, ivyo vyose  bije gutuma twinjira mu bukene butagira izina mu gihugu cacu. Ahubwo Perezida Ndayishimiye nahagabire yikureko abo bariko bamwononera»

Bamwe n-abandi mu barundi bari mu gihugu canke hanze yaco  babona yuko Umukuru w-igihugu c-uburundi yoraba ibisata bimwe bimwe abanyagihugu arongoye baguma bidogera maze akishikira ku rubuga akaraba aho biriko bipfira, uwufisemwo uruhara mw-ivyo bibazo bihanze igihugu akabogozwa ndetse agahanwa, Asanze ari ikosa ritewe nuko Leta ibifisemwo uruhara, agaca akoranya abagize Leta bakigira hamwe ivyo bibazo ndetse  n-ingingo zikomeye zigafatwa.

 

 

Must Read