Abarundi benshi bari mu marira n-umwiheburo udasanzwe bitewe n-ingingo ziguma zifatwa n-abategetsi b-uburundi bafata nk-«iz’agahotoro» ahandi bakisanga ubuzima bwababanye ikibazo bitewe n-iduga ry-ibiciro vy-ibidandazwa vyankenerwa mu buzima bwa misi yose. Bamwe n-abandi bakibaza nyimba Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yoba yumva ayo marira canke imyidogo biri mu barundi arongoye.
Bamwe mu barundi bavuganye n-ikinyamakuru UBM News, ntibatahura igituma imyidogo imaze imisi yibonekeza mu barundi isinzi ataco iheza ikavamwo ndetse n-umukuru w-igihugu c-uburundi ahanini agashima kwigumira mu gacerere. « ubu bamwe twarahevye isukari, dushima gukorera icayi abana bacu dukoresheje ubuki bw-umutsama. Ikitibagiwe ni inzoga za BRARUDI ikinyobwa ca AMSTEL umuntu aho acumvise asanga camaze umwanya urume rumara» Niko uw-umunyagihugu wo mu gisagara ca Bujumbura avuga.
Uyu nawe akomoka mu ntara ya Rumonge ati :« jewe nguma nibaza nti hariho abantu bariko batwarira nabi perezida wacu Ndayishimiye , nkubu isukari, passport , ifumbire ya FOMI, iduga ry-ibiciro ry-ibidandazwa vya nkenerwa , ingingo zikomakomeye ziguma zifatwa biboneka ko zije guhungabanya umwenegihugu , nko kubona babujije abanyonga ama bajaj, Tuk-Tuk n-amapikipiki gukorera mu gisagara ca bujumbura, ivyo vyose bije gutuma twinjira mu bukene butagira izina mu gihugu cacu. Ahubwo Perezida Ndayishimiye nahagabire yikureko abo bariko bamwononera»
Bamwe n-abandi mu barundi bari mu gihugu canke hanze yaco babona yuko Umukuru w-igihugu c-uburundi yoraba ibisata bimwe bimwe abanyagihugu arongoye baguma bidogera maze akishikira ku rubuga akaraba aho biriko bipfira, uwufisemwo uruhara mw-ivyo bibazo bihanze igihugu akabogozwa ndetse agahanwa, Asanze ari ikosa ritewe nuko Leta ibifisemwo uruhara, agaca akoranya abagize Leta bakigira hamwe ivyo bibazo ndetse n-ingingo zikomeye zigafatwa.