Mu gihe vyari bitegekanijwe ko uno musi wa gatanu igenekerezo rya 27 ntwarante abanyeshure bahabwa amanota, ntibahavuye bayahabwa bivuye kuko abigisha bashikije ico bari baramenyesheje ko batazoyatanga muri kino gice kubera ikibazo c’ukunganisha imishahara kitaratorerwa umuti.
Edouard Juma umuvugizi w;ubushikiranganji bw’amashure matomato n’ayisumbuye yateye akamo abo bigisha ngo bayatange kuko ibiganiro hagato y’ubwo bushikiranganji hamwe n’ayo masendika bavamwo vyamaze gutangura. Ariko akabasaba ko nka hamwe bishitse ntibayatanga ngo bayabike ahadata kugira ntihazobemwo ubusuma.