Ihadabu ry-ibihumbi ijana vy-amarundi ndetse no kuduga niryo rigiye kwakwa uwo wese atambara agapfukamunwa mu makoraniro y-abantu benshi abera mu gisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo kwikingira Covid-19. Iyo ngingo ikaba yashirijwe kuri uyu wa kabiri n-umukuru w-igisagara ca Bujumbura . CP Jimmy Hatungimana amenyesha ko hari abantu badashaka gukurikiza amabwirizwa yo kwikingira ikiza ca Covid-19 .
Jimmy Hatungimana ati: ˮMwebwe mujejwe intwaro mumenye yuko mugiye kugenzura abantu batambaye agapfukamunwa mu mahuriro Manini Manini nkaya, murabe ko abantu batariko barayambirana .Uwo muzosanga ariko akora ivyo, muzoce mu muca amande ibihumbi ijana, amande ibihumbi ijana! Kuko aho twavugiye ni kera‟
Umukuru w-igisagara ca Bujumbura arongera agabisha ko n-abarongozi b-amakomine , amazone hamwe n-amakaritiye batazokurikiza na bonyene bazotanga iryo hadabu ry-ibihumbi ijana vy-amafaranga y-amarundi.