Thursday, June 8, 2023
HomeNewsAmande y-ibihumbi ijana kuduga niyo agiye gucibwa abanya Bujumbura batazokwambara udupfukamunwa.

Amande y-ibihumbi ijana kuduga niyo agiye gucibwa abanya Bujumbura batazokwambara udupfukamunwa.

Ihadabu ry-ibihumbi ijana vy-amarundi  ndetse no kuduga niryo rigiye kwakwa uwo wese atambara agapfukamunwa mu makoraniro y-abantu benshi abera mu gisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo kwikingira Covid-19. Iyo ngingo ikaba yashirijwe kuri uyu wa kabiri  n-umukuru w-igisagara ca Bujumbura . CP Jimmy Hatungimana amenyesha ko hari abantu  badashaka gukurikiza amabwirizwa yo kwikingira ikiza ca Covid-19 .May be an image of 1 person, sitting, suit and indoor

Jimmy Hatungimana ati: ˮMwebwe mujejwe intwaro  mumenye yuko mugiye kugenzura abantu batambaye agapfukamunwa mu mahuriro Manini Manini nkaya, murabe ko abantu batariko barayambirana .Uwo muzosanga ariko akora ivyo, muzoce mu muca amande ibihumbi ijana, amande ibihumbi ijana! Kuko aho twavugiye ni kera‟

Umukuru w-igisagara ca Bujumbura arongera agabisha ko n-abarongozi b-amakomine , amazone hamwe n-amakaritiye batazokurikiza  na bonyene bazotanga iryo hadabu ry-ibihumbi ijana vy-amafaranga y-amarundi.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...