NEWS

Amakuru ariko avugwa hiryo no hino mu binyamakuru ku Burundi

on

Amakuru hirya no hino mu binyamakuru turayahera ku gitero cahitanye abagwizatunga batatu mu gisagara ca Bujumbura ku musi wa gatanu w’indwi turangije.

Abo bagandaguwe ni Joseph Hicuburundi batazira Mugamba, Juvenal Cishahayo na Melchisédech Ntaraka(yakora muri Banki nkuru y’igihugu mu gisata c’amafaranga y’agaciro).

Amasoko y’inkuru atandukanye avuga ko abantu batamenyekanye kandi bihishije mu maso binjiye mu kabare Kwa Gilbert mu gisagara ca Bujumbura, baca batangura kurasa batumbereza ahari hicaye abo bagabo batatu.

Igipoliso c’Uburundi kikaba catanguye amatohoza kuri ubwo bwicanyi bwahitanye abo bagwizatunga batatu.

Ayandi makuru avugwa hirya no hino ni inkuru ivuga ko isoko nkuru y’impunzi z’Abarundi zo mwikambi ya Nduta yabomowe n’ubuyobozi bw’inkambi maze bituma Abarundi baba muri iyo kambi batagira ayo bacira n’ayo bamira.

Ivyo navyo bikaba biri mu mugambi wo guhimiriza izo mpuzi zahunze Uburundi kuva mu mwaka wa 2015 zitahuke mu Burundi naho nyinshi murizo zibona ko ico zahunze kitaravaho.

Iwacu Burundi kandi itangaza ko abatari bake bariko barafatwa muri Zone Rweza-Muyiri muri Komine Kanyosha mu ntara ya Bujumbura bagirizwa gushaka kugandagura musitanteri w’iyo komine.

 

 

Recommended for you