NEWS

Amakenga y’umukuru w’igihugu NKURUNZIZA ku nyigisho zitangwa ku mugoroba muma Kaminuza

on

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aratewe amakenga n’inyigisho zitangwa ku mugoroba, aho avuga ko ivyegeranyo vyakozwe n’ubushikiranganji bw’inyigisho za Kaminuza vyerekanye ko zirimwo amahinyu, kuko mu nyigisho zo ku mugoroba bari bategerezwa kuraba inyigisho zijanye n’ukuronka urupapuro rw’umutsindo rukwiranye n’ivyigwa uba wakurikiranye ata mahinyu arimwo.

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuwa 28 Kigarama 2018, yamenyesheje ko bitumvikana ingene umunyeshure wo muri Kaminuza aba yize kuva mu gatondo gushika ku mugoroba, uwundi akagenda isaha cumi na zibiri gushika isaha zitatu z’ijoro, mu nyuma abo bose bakaronka impapuro z’umutsindo zingana nk’abize bimwe.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA arashima integuro iriko irakorwa n’ubushikiranganji bw’inyigisho za Kaminuza, kugira ico kibazo gitorerwe inyishu, Kaminuza zose zikore zisunze amategeko amwe.

Umukuru w’igihugu asaba kandi abarongoye amakaminuza gukurikirana ukuntu amanota atangwa. Agira ati : « Hageze aho uvuze ko uturuka muri Kaminuza kanaka udashobora kuronka akazi, kubera inyigisho batanga ziba zizwi ko ata kamaro zibazanira ku kazi ka minsi yose. Uno munsi kaminuza z’Abigenga urabona umunyeshure yaronse amanota 97 kw’ijana, n’ayarenga, ariko waja kuraba ivyo yize, ugasanga harimwo agahaze. Waraba muri Kaminuza y’Uburundi ugasanga uwaronse amanota 61 kw’ijana niwe ahagaze neza kuruta uwo yaronse 97 kw’ijana muri Kaminuza y’abigenga. Amanota, ni ico umuntu ari, biratandukanye cane.”

Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA abandanya avuga ati : “Kaminuza z’abigenga turipfuza ko bigisha bamenya neza ko bariko barategurira kazoza keza Uburundi, atari ukwironderera amafaranga. Imbuto itewe niyo imera. Hakazosohoka abanyeshure benshi b’imburakimazi ata bumenyi bafise kandi isi itera imbere mu buryo budasanzwe, igihugu kizomaramara, kuko ni isi yo guhiganwa.”

Ahamagarira ababijejwe bose, gushiramwo inguvu, kugira amakaminuza yigishe yisunga amategeko, kuko bitagenze uko, ingaruka zishobora kuba mbi cane. Aho yibaza ati : « Ejo aho bukera hamwe bosohora nk’abaganga batazi gushona umuntu, batazi kuvura igikomere, mugabo afise amanota 90 kw’ijana. Zizoba ari ingorane.”

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yizeza ko ingingo zose zishoboka zizofatwa kugira amakaminuza y’abigenga aje ku rutonde rw’ibisabwa, kandi bibereye za Kaminuza, kandi ko bibaye ngombwa, na Kaminuza zitisunga akanovera n’ibisabwa zizohagarikwa.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply