NEWS

Amakenga Ku Bitigiri Vy’Abiyandikishije Mu Matora.

on

Mu gihe umugwi ujejwe amatora mu Burundi , CENI, wamenyesheje ko uyu musi wa gatandatu ari uwa nyuma, birabonekako ko uyo mugwi woba wadugije ibitigiri vy’abiyandikishije uko bidasanzwe. Hari bamwe na bamwe ivyo biriko birabatera amakenga.

Mbere bamwe babandanya basaba ko co kiringo cokwongerezwa naho CENI yanse ko ari ntarengwa iyi tariki ya 17 Ruhuhuma 2017 ku kwiyandikisha.

CENI yamenyesheje ku wa 13 Ruhuhuma 2018 ko abari bamaze kwiyandikisha bari abantu bashika ku 2 505 829. Ariko rero, uyo mugwi CENI nyene watangaje kandi ku wa 15 Ruhuhuma 2018 haheze imisi ibiri gusa ko abari bamaze kwiyandikisha bashika ku 4 105 481.

Ukwo kuntu igitigiri ciyongereye incuro zibiri mu misi mike ishika kuri ibiri kuratuma abantu bibaza ko CENI itoba yongereje ibitigiri n’ibigirankana maze ice ihagarika igikorwa co kwandika abantu bazoja mu matora. Ubwo Umugwi CENI ntiwoba utanguye kwerekana aho uhagaze? Canke woba utanguye gutorwa amahinyu n’amatora ataraba? Akari imbere karahinda…

Recommended for you