Nkuko bishikirizwa n-umuhinga mu vy-ubutunzi hamwe no mu vy-intwaro ibereye Faustin Ndikumana, Amahera arenga gato ibihumbi 300.000 vy-amarundi ngo niyo umurundi wese yoriha mu gihe igihugu c-uburundi coba gishaka kuriha ideni ryose giheranye.
Uwo muhinga mu vy-ubutunzi abandanya amenyesha ideni ryose Leta y-uburundi igezeko rigera ku miriyaridi 3700 z-amafaranga y-amarundi. Kubwa Faustin Ndikumana , ngo birakwiye ko abanyagihugu b-uburundi baza baramenyeshwa ukwo amadeni Leta ifise agenda angana ndetse n-ivyo agenda akoreshwa kuko ngo nibo abo banyagihugu bategerezwa kuzoyariha.
Tubamenyeshe ko ivyo vyavugiwe mu ruganda rw-imisi itatu uhereye kuwa 9 gushika kuwa 11 Ruheshi uy-umwaka. Urwo ruganda rukaba rwatunganijwe n-amashirahamwe AFRODAD hamwe na ICED Burundi afashwe mu mugongo na OXFAM hamwe na ACTION AID. Iyo nama ikaba yabereye k-ubuhinga bwa none aho yahuza abamenyeshamakuru bava mubihugu bitandukanye vyo k-umugabane wa Afrika aho barabira hamwe ivyerekeye Ideni n-iterambere.