NEWS

Amafaranga y’agaciro asigaye ari umuzi w’ibuye mu Burundi

on

Inyuma y’aho Ibanki Nkuru ya Republika y’Uburundi ifatiye ingingo yo gushinga igiciro co kuvunja amafaranga yagaciro(Dollars na Euros) ku giciro kizwi na leta, ubu ayomafaranga y’agaciro yabaye umuzi w’ibuye kuyarona mu Burundi.

Leta y’Uburundi ibicishije kuri BRB yashinze ko idolari rivunjwa ku mafaramga y’amarundi 2130 maze rikagurishwa ku 2150 FBU, ibitandukanye cane n’uko abavunjayi bahora bayavunja.(Mwomenya ko idolari ryavunjwa hagati ya 2700 na 3000 FBU kwisoko bita Marche Noir)

Inyuma yiyo gingo ya BRB, abavuynjayi bamwe bamwe n’ibiro vyarugaywe abandi barafungwa kubera bagirizwa kurenga iryo tegeko.

Ubu rero amafaranaga y’agaciro mu Burundi asigaye agoye kuronka kubera ko abayafise banse kuyasohora kubera igiciro ari gitoyi cane, abayafise nabo bakanka kuyagurisha ku bayarondera.

Abahora batunze imiryango nacane cane mu gisagara ca Bujumbura barahevye uyo mwuga wo kuvunja amagafaranga y’agaciro maze bamwe basubira mu ntara za ruguru, maze bakaba batabona uko bagiye gutunga imiryango yabo.

Mwomenya ko iyo amafaramga y’agacairo abuze ibintu bitari bike birononekara mu gihugu kubera ivyinjira n’ibisohoka bica bibura canke bikaduza igiciro.

Ikimaze kugaragara cane, naho leta yashinze igiciro ntabandanuka yo kumanura uruvunjo rw’amafaranaga y’agaciro, nubu ibintu vya nkenerwa ntibiramanuka mu biciro, abatari bake bakibaze iyo ngorane aho ihagaze.

Recommended for you