Amafaranga yose azokwinjira mu kigega ca Leta harimwo n’imfashanyo zizova hanze y’igihugu azova ku miriyaridi 1562,6 Fbu yakoreshejwe mu mwaka wa 2021/2022 gushika ku miriyaridi 20193,6Fbu agiye kuzokoreshwa mu mwaka wa 2022/2023. Ni ukuvuga ko ayo mafaranga azoduga gushika ku bice 40,4%. Amafaranga yose azokoreshwa na Leta azova ku miriyaridi 1713,8 Fbu yakoreshejwe mu mwaka wa 2021/2022 aje ku miriyaridi 2391,08 Fbu mu nteguro y’amafaranga igenga Leta mu mwaka wa 2022/2023. Ayo mafaranga Leta igiye gukoresha akaba azoduga ibice 39,5%. Ivyo biri mw’itegeko ry’amafaranga Leta izokoresha muri uyu mwaka wa 2022/2023. Iyo nteguro yemejwe mu nama nshikiranganji yakoranye kuri uyu wa mbere Ruheshi 2022.
Nkuko vyatangajwe n’umuvugizi wa Leta akongera akaba n’umunyamabanga mukuru wa Leta, Prosper Ntahorwamiye, Amafaranga yose n’igihengeri azokoreshwa mu mwaka wa 2022/2023 ashika imiriyaridi 197,4 Fbu aho mu mwaka wa 2021/2022 cari ku miriyaridi 151,8 Fbu ni ukuvuga ko yiyongereye ibice 2,38%.
Kubijanye n’ishirwa mu ngiro ry’amafaranga ya Leta mu mwaka wa 2022/2023, Prosper Ntahorwamiye amenyesha ko hazotegurwa hongere hakorwe integuro ishinga amafaranga agenewe gukoreshwa buri muri gice c’umwaka hisunzwe ibizova ibiri mu nteguro yerekana ibikorwa bizorangurwa mu bushikiranganji n’ibisata vyose vya Leta.