NEWS

Amafaranga 2000 Fbu agiye gutuma umurwayi ataronka Rusehabaniha.

on

Mu ntara ya Bubanza mu burengero bw’Uburundi , harasohotse itegeko risaba uwo wese ataratanga intererano y’amafaranga y’amarundi ashika 2000 ko atazoronka ya modoka itwara indemebe ariyo Rusehabaniha mu gihe yoba atarayatanga.

Umuganga mukuru wa District ya Mpanda i Bubanza yasohoye urwandiko amenyesha ko uwo wese adafise agapapuro kerekana ko yarishe amafaranga yo kugura agakarata ka Rusehabaniha atazokwakirwa ngo ahabwe ya modoka rusehabaniha.

Nk’uko urwo rwandiko rwashizwe ahabona na Radio Isanganiro, uwuzoba atarishe ayo mafaranga ashika 2000 akazoca asabwa ‘kugura amalitiro 20 y’igitoro ciyo modoka(ashobora kwababa amafaranga 50 000 FBU) nk’igihano’. Iyo ngingo ikaba izotangura kuja mu ngiro itariki 1 Ndamukiza 2019.

Ibi bikaba bisa na ka gapapuro kerekana ko umurundi yaterereye amatora gasabwa henshi mu makomine y’Uburundi iyo abanyagihugu bagiye kugira ico basaba nk’inkaratasi bakeneye n’ibindi.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply