Mw’itangazo ry’ishirahamwe mpuzamakungu Human Right Watch riheruka gushirwa ahabona, rivuga ko kuva umukuru w’igihugu c’uburundi, Varisito Ndayishimiye ashitse ku butegetsi haraciye imyaka ibiri, amatohoza y’iryo shirahamwe yerekana ko amabi akorwa ku ntwaro yiwe ataho ataniye n’ayakorwa ku ntwaro y’umuhisi Petero Nkurunziza yamusubiriye. Iryo shirahamwe rikanegura ukuntu Leta y’uburundi ibandanya inana gukorana n’intumwa idasanzwe ya ONU (umunya Burkina Faso Fortuné Gaetan Zongo) ijejwe gusuzuma ukwo agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi ko kandi iyo ngingo yo kwanka iyo ntumwa bifise ingaruka mbi nyishi muri kazoza k’igihugu c’uburundi mu bijanye no kurwanya ihohoterwa rikorerwa kiremwa muntu mu Burundi.
Umushakashatsi Clémentine Domain wo muri Human Right Watch ati :« Bwari ubwa mbere iyo ntumwa nshasha ihawe ijambo. Twoshimye ko Leta yoza ifise intumbero nziza ariko uko biri kwose yari yaramaze kwerekana ko itarota ikorana n’umurwi wari ujejwe amatohoza mu myaka myishi wamaze ukora. Ubu rero, kari akaryo keza kugira batangure gukorana neza mu gucungera ukwo agateka ka muntu kifashe mu Burundi ariko siko vyahavuye bigenda»
Kubw’uwo mushakashatsi, avuga ko utwigoro twa bimwe mu bimenyeshamakuru hamwe n’amashirahamwe yigenga aharanira agateka ka zina muntu dufise aho tutarenga mu bijanye n’amatohoza. Ko hamwe iyo ntumwa ya ONU itorekurirwa kuza mu Burundi bitazoba vyoroshe na gato kumenya urugero amabi akorerwa kiremwa muntu rugezweko mu Burundi.
Tubibutse ko mu nama yo kuwa 29 Ruheshi 2020 y’ibihugu bigize umuryango w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe agateka ka zina muntu, uwaserukiye uburundi yagirije uwo muryango ko wivanga mu bibazo vya politike y’uburundi.