Ibikorwa vy-ishirahamwe Alliance in Motion Global vyarahagaritswe gukorerwa ku butaka bw-uburundi . Iryo shirahamwe ryagirizwa gukora ibikorwa bitandukanye n-ivyo ryaherewe uruhusha , nkuko biri mw-itangazo ryasohowe kuri uyu wa 19 gitugutu 2021 n-ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n-iterambere rusangi
Nkuko biri mw-iryo tangazo, Alliance in Motion Global ryiyandikishije mu buryo bubiri butandukanye , ku ruhande rumwe nk-ishirahamwe ridaharanira inyungu z-amafaranga, ku rundi ruhande naho, nk-ishirahamwe ry-ubudandaji, ivyo ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko binyuranye n-amategeko agenga amashirahamwe yemerewe gukorera mu Burundi .
Twobamenyesha ko iryo shirahamwe co kimwe n-ayandi akora nkaryo mu bijanye n-ivy-urucuruzwa rw-amafaranga yunguka mu mirwi (commerce de réseau ) yama yidogewe n-abatari bake ko ari ubusuma bweruye bukorwa kuko ni gake amafaranga y-umutahe basabwa kwinjiza bayagarukana bitewe n-uko umuntu asabwa kurondera abandi bantu bamuja inyuma kugira amafaranga yiwe ashobore kwunguka.