Wednesday, March 29, 2023
HomeNewsAlliance in Motion Global yabujijwe guhimbaza isabukuru y-imyaka biri imaze ikorera...

Alliance in Motion Global yabujijwe guhimbaza isabukuru y-imyaka biri imaze ikorera mu Burundi.

Ibikorwa vyo guhimbaza isabukuru y-imyaka ibiri y-ishirahamwe Alliance in motion Global vyari kuba kw-igenekerezo rya 17 Gitugutu 2021, vyahagaritswe  n-umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu  Gervais Ndirakobuca. Biri mw-ikete uwo mushikiranganji yarungikiye uwuserukira imbere y-amategeko iryo shirahamwe mu Burundi.

Umushikiranganji asigura ko kubona yafashe ingingo ari uko hakiri umuco ugikenewe gushirwa ahabona kuko hari ibipfungu vyishi mw-iryo shirahamwe.

Gervais Ndirakobuca  asaba umuyobozi mukuru mu  gipolisi hamwe  n-umukuru mu gisagara ca Bujumbura  kwubahiriza iyo ngingo, nkuko biri mw-iryo kete  yasohoye kuri uyu wa 14  Gitugutu 2021.Image

Tubamenyeshe iryo shirahamwe co kimwe n-ayandi mashirahamwe amaze imisi akora urudandazwa rwo kuja mu murwi bita ˮ commerce de réseau‟ yagiye aridogerwa n-abanywanyi bagiye barayinjiramwo  munyuma abatari bake bakagenda bibwe abandi amahera y-umutahe batanze agaherayo kubera babuze abo baja inyuma kugira amafaranga yabo batanze ashobore kwunguke.

Must Read