Ibikorwa vyo guhimbaza isabukuru y-imyaka ibiri y-ishirahamwe Alliance in motion Global vyari kuba kw-igenekerezo rya 17 Gitugutu 2021, vyahagaritswe n-umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca. Biri mw-ikete uwo mushikiranganji yarungikiye uwuserukira imbere y-amategeko iryo shirahamwe mu Burundi.
Umushikiranganji asigura ko kubona yafashe ingingo ari uko hakiri umuco ugikenewe gushirwa ahabona kuko hari ibipfungu vyishi mw-iryo shirahamwe.
Gervais Ndirakobuca asaba umuyobozi mukuru mu gipolisi hamwe n-umukuru mu gisagara ca Bujumbura kwubahiriza iyo ngingo, nkuko biri mw-iryo kete yasohoye kuri uyu wa 14 Gitugutu 2021.
Tubamenyeshe iryo shirahamwe co kimwe n-ayandi mashirahamwe amaze imisi akora urudandazwa rwo kuja mu murwi bita ˮ commerce de réseau‟ yagiye aridogerwa n-abanywanyi bagiye barayinjiramwo munyuma abatari bake bakagenda bibwe abandi amahera y-umutahe batanze agaherayo kubera babuze abo baja inyuma kugira amafaranga yabo batanze ashobore kwunguke.