Umuririmvyikazi w’umurundi aba hano muri Leta zunze ubumwe za America ” Aline Vyuka ” ubu uno muririmvyi abarizwa mu gihugu ca Tanzania aho akomeje gukorerayo ibintu bishimishije mukwiyegereza abana bimpfuvyi bo muri Africa, aho ngo ni mu rwego rwo kubitaho no kubafasha kuko ngo nabo bameze nk’abandi bana nubwo bo ari impfuvyi.
Nkuko uno muririmvyi yabicishije kubuhinga ngurukanabumenyi, Aline vyuka yavuze ko abana nkabo bakwiye gukundwa cane ndetse abantu bakaba bakwiye kubitaho kuko ngo nabo ni nkabandi bana.
Aline vyuka yagize ati : Watoto yatima Ni watoto kama wengine tuwasaidie , tu wapende kama watoto wetu wanaitaji upendo wamekosa kwa mama zao ukifanya hivyo kwa moyo wa unyenyekevu utabarikiwa hapa Ni kwa Dorcus center ministry, kituo hiki kina watoto wengi sana wanaishi hapo pia wanasomea wote mungu akubariki sana mama Bishop Jane