Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsAlice amaze guca mukaburi akagera kwa Satani mu kuzimu '' ibi nivyo...

Alice amaze guca mukaburi akagera kwa Satani mu kuzimu ” ibi nivyo bintu bikomeye ndetse biteye ubwoba yasanzeyo ” ( Part 3 )

Nimba warakurikiranye inkuru iheruka yigice cakabiri ” uribuka ko yarangiye Alice amaze kwigendera akamusiga ngaho wenyene ” Uwo Alice yamaze kwigendera ubwo nsigara ngaho, mu kanya hahita haza abandi kuntwara bankura muriyo nzu nari ndimwo baja kuntembereza . Bantembereje ahantu henshi ndetse nabashije kubona ibintu vyinshi kuko nje nabashije gukorera Satani imyaka itanu ariko ivyo nakoreye satani muri iyi myaka itanu ntabwo nobivuga ngo mbirangize kuko bwokwira bugaca.

Ivyo nakoze vyose ni vyinshi kandi no mu buto bwanje ibikorwa nakoreye Satani ni vyinshi cane. Ndavugamwo bike rero mu vyo nabonye no mu vyo nabashije gukora. ubwo naratembereye mbona amazu menshi kandi nasanze ari isi nk’iyindi uretse ko ico nabonye gitandukanye no kw isi yacu nuko ho hahora ari nko mukajoro, nko mu gihe ca Sakumi ntibuca ngo habone ahubwo hahora hameze nk’ahaja kwira, nuko nabisanze.

Ubwo rero barantembereje mbona amazu meza, mbona Modeles yinshi z’amazu , mbona n’ibikorwa vyinshi bitandukanye. Muri ivyo vyose, reka mvuge gusa ku nzu imwe yonyene twatembereyemwo tugateberayo: Ubwo twinjiye mu nzu berekaniramwo ibikorwa vya Satani, iyo nzu ngo niy’amateka, twaje kwinjiramwo ariko nimba igira aho igarukira ntavyo nzi, Iyo nzu twayitembereyemwo,ngezemwo nitegereza igishushanyo nasanzemwo mbona ni ica Satani- LUCIFER n’abamalayika bamuherekeje aciwe mu ijuru,hejuru y’ico gishushanyo hariho ijambo riri muvyahishuriwe 12,12 havuga ngo :”Nuko rero wa juru we namwe abaririmwo nimwishime, naho wewe wa si we namwe mwa nyanja mwe mugushije ishano kuko Satai yamanutse afise umujinya mwinshi kuko aziko afise igihe gito kwisi.

Iryo jambo niryo nasanze kuri ico gishushanyo, ubwo naje gukomeza bagenda bansobanurira ivyico gihugu, Naje kubona amafoto y’abantu benshi ndetse bamwe bari mu bikorwa bibwira ngo barakorera Imana yamara bakorera Satani. Umuntu ashobora kuba mwishengero akibaza ko akorera Imana kandi akorera Satani ariko mwene abo ngo muzabamenyera ku mbuto zabo.

Muriyo nzu rero nasanzemwo amafoto menshi y’abantu bamwe bari kwisi, abandi bari ikuzimu mbese ari uruvangi. naje kubasaba bansigurire kuri ayo mafoto kuko nasanga buri foto yanditseho izina ry’uwo muntu, ntabwo rero bamwita izina tumwita kwisi kuko hari abo wasanga bitwa :” MUBESHI”, ba :”MUSAMBANYI” , NDABIMENYEREYE abandi ni ba MAGANYA abandi ni ba GAHINDA … gutyo nasanze ayo mazina ariyo babita.

Nagerageje kubabaza impamvu ayo mazina ariyo babita bansubiza ko ariyo abahesha ayo mafoto kugirango bayamanike muri iyo nzu, Bambwiye ko urugero nimba bakwita MAJAMBO icaha c’amajambo ugahora ucihana ugisubiramwo kikakunanira kukireka ngo ico caha niyo kibahesha ifoto yawe bamanika muri iyo nzu, Ubwo rero abantu bihana babisubiramwo ivyo vyaha bahoramwo bibahesha amafoto yo kumanika muriyo nzu ubwo Ugenzure rero neza utaba uhetse ingovyi umwana yaraguye kera.

Aha Ndabandanya nibutsa ko ivyo ndiko mvuga ko ari ivyo nabonye ntabwo mvuga ivyo numvise, nunyemerera ukumva ibi ndiko ndakubwira bizokugirira akamaro kwIherezo kandi usenge Imana izogusobanurire n’ibindi ntakubwiye kuko hari vyinshi bikiri mu mabanga, Ikindi nagiye kumenya nuko hari abantu usanga baravyaranye namajini, birashoboka rero ko ushobora kuryamana n’abadayimoni kandi akavyarira amezi icenda nk’abandi bavyeyi nta kibazo, ariko wavyara umwana akaba ari uw’umudayimoni.

Uwo mwana imibereho yiwe yose izoba ari iya Kidayimoni, uretse ko azaba afise ishusho y’abantu bazima, Uwundi ashobora gutwara inda , yaja kuvyara akavyara umwuka, canke uwundi yaja kuvyara akavyara igisimba, canke se ibuye canke se agatwara inda ariko yaja kuvyara inda igasubirayo, canke akibungenga imyaka n’imyaka inda itavuka.

Ndi muriyo nzu bambwiye vyinshi ariko naje gusohoka nza gutembera ahantu henshi, mbona vyinshi, Naje kugera ahantu ku mazi mpasanga umudamu uhicaye, Hejuru yari umuntu, ariko ngerageza kureba hasi nsanga ashushanyije nk’ifi, Bambwira ko uwo mudamu ari UMWAMIKAZI wo ku MAZI, bakaba bamwita MAIMUNA ngo akaba ashinzwe gutanga ubukire cangwa se ubutunzi, wewe Uragenda ukamubwira ico ushaka nawe akakiguha ubanje kugira ico nawe agusabve, ntabwo aja apfa kuguhera ubuntu.

Ashobora kuguha agasokozo, canke akatsi canke se akaguha akabuye, ako aguhaye akakubwira ngo genda ugakoreshe gutya na gutya , uzabona ico wansavye mu gihe wagisabiye,ikindi naco hari igihe mushobora kubonana mu gihe ca mbere, akaguha igi akakubwira amajambo uzoja uvuga iyo ugeze kukiyaga, hanyuma igi ukarinugamwo mumazi hanyuma nawe agahita aza akagutwara, ubwo iyo iba ibaye nka Transport.

MAIMUNA rero uwo nguwo namugezeho turavugana, turaganira kuko ico gihe twagiranye ikiganiro kinini , ndetse yampaye ikaze mu mazi twinjira mu mazi tuja kuraba ibikorwa akorera iyo mu mazi,Twahingukiye ahantu ha mbere hari abaririmvyi barimwo baririmba indirimbo nyinshi, abandi barimwo gucuraranga.

Haba kwisi ndetse n’ikuzimu , no mw’ijuru umuririmvyi wa mbere ubaho ni SATANI kuko n’ubu impano yiwe yahawe n’Imana aracayifise nubwo idakoresherezwa Imana. Kugeza n’ubu rero hari abamanuka bakaja ikuzimu kwigayo amajwi, bagaruka bakaza kuyakoresha kwisi.

Abo baririmvyi rero nabasanzeyo , ikibazo s’Impano canke ikibazo s’ukuririmba, ico nobabwira nuko impano ntaho ihuriye n’agakiza, kuba umuntu aririmba cane ntibivuze ko akijijwe, Bibiliya ariko itubwira neza ko tuzabamenyera ku mbuto zabo.

Twaje gukomeza tugera ahantu hari hateraniye uruvyiruko, bari barimwo kwiga imvugo zigezweho baza kwandurisha isi, izi mvugo twita ama ” TERMES “. Abo bantu twasanzeyo bavuga imvugo zitandukanye nk’urugero nabaha nabashije kumva bavuga ngo : NDAGASWE, bavuga ngo : AMACENSI (CHANCE) ibindi ngo KUVAHASI n’ibindi…ivyo vyose hariya bikaba bifite ico bisobanuye, abagiye kuvyiga bakazamuka bakavyandurisha isi, abandi bavyumva bakabivuga bavyigana batanazi ico bivuze, Twirinde rero umuntu naja kuvuga abanze agaruze ururimi rwiwe incuro indwi mu kanwa, amenye ko iryo jambo rinogeye Imana n’abo aribwira.

Twaje gukomeza tugera ahantu hari abakobwa beza, batozwa na MAIMUNA, ku buryo bw’umubiri nabona ari abakobwa beza kandi bafise igikundiro,ariko ni abadayimoni, Abo bakobwa bashenye ingo nyinshi mu minsi ya none cane cane ingo z’abakristo, Abo bakobwa nibo bazanye imyambarire twita igezweho , ni nabo bazanye ibibazo vyinshi murwaruka.

Ico gihe njayo nasanze bari kwitoza uko umunsi wo kuwa Gatanu bazaja baja muri Salon de Coiffures ndetse bakaja mu nganda kuzana impuzu, kuwagatanu saa kumi n’imwe bose bagaca baduga kwisi bakaza kuyovya abantu , bakaguma kwisi kugera kuwa mbere mu gitondo bakamanukana Raporo y’ivyo bakoze muri Week-End yose.

Abo bakobwa nabashije kumenya imyifatire cyangwa se imyitwarire yabo nsobanurirwa n’uburyo bakora hano ku isi, Bashobora kumutwara bakamutuma kumuntu runaka nko mu rugo rw’Umukristo cane cane umwe akijijwe uwundi adakijijwe, akaba yakwihindura nk’ishusho y’umugore ufite umugabo asanzwe azi, kugirango agushe uwo mu rugo, canke agacunga nk’umugabo yagiye muri Missiyo yasize umugore mu rugo, wa mukobwa akihindura ishusho y’uwo yasize mu rugo,wa mukobwa akamushukashuka bagasambana.

Bariya bakobwa baza hano kwisi bafise misiyo zitandukanye bahawe, cane cane mu rwaruka nibo bashinzwe kugusha abasore mu vyaha cane cane nk’abo bahurira mu mazu bavyiniramwo canke se bariya baba bateze ku mihanda, Aha ariko ico nobabwira nuko abatega bose canke se abaja mu Ruvyiniro :”NIGHT CLUB” bose si abadayimoni, muribo habamwo n’abantu bazima ariko ico nobabwira nuko muri barya mubonayo haba harimwo n’abadayimoni kandi kubatandukanya n’abandi bantu basanzwe ntiwobimenya.

Ntabwo ushobora kumuraba amaso ku maso ngo umenye ko ari umudayimoni igihe cose udafise andi maso y’umwuka, igihe udafise imbaraga z’umwuka Wera, gusa uzabimenya kw’iherezo kandi akenshi abo bakobwa ntabwo bagira ibirenge bizima, ushobora kumubona yambaye urukweto rwiza ariko yarukuramwo ugasanga nta kirenge afise ari akajanja k’inkoko.

Abo bakobwa rero nabizeho vyinshi, kandi nigishwa ko aribo bazana imyambarire igezweho hano kwisi, nibo bazana za MINI-JUPES n’ izindi mpuzu tubona , abakristo rero babibona bakavyigana ngo n’ibigezweho, ikindi naco nuko abo bakobwa bafite misiyo ndende cane hano kwisi, na cane cane mu rwaruka ngo baruteshe inzira ija ku Mana.

Nabonye ibikorwa vyabo, mbona n’uburyo babatuma, ukuntu baza gutwara imitima y’abantu hano ku isi, akaza akaba yahahurira n’umusore mu nzu bavyiniramo, bakaba bahana gahunda akamucura, yamugeza mu rugo akaba yamubagamwo umutima akawutwara,uwo musore agapfa undi agatwara umutima wiwe, akarorero nuko ushobora guhura n’uwo mukobwa ukamusoma gusa, vyanga bikunda agucira mu kanwa,wewe igihe cose uzocira hasi ikuzimu haba hari uruziga rw’abadayimoni uhita umanukiramwo ukikubita muri rwa ruziga bakagufata bakakuboha, ushobora kandi kutamanuka ariko ivyiyunviro vyawe n’umutima wawe bikamanuka, bakabifata bakabiboha, barangiza mu mwanya wa wa mutima muzima bakohereza undi mutima.

Bashobora kandi kurungika umutima w’ubusambanyi canke se impwemu y’ubusinzi,cyangwa se umwuka wo kubesha mu cimbo ca wa mwuka muzima bakohereza undi mwuka wa Kidayimoni, ugasanga umuntu twabona ari muzima bahise bamwica ahagaze ugasanga uwo muntu ariho atariho yarapfuye ahagaze.

Uwo mukobwa ashobora kugera mu rugo rw’abantu bubatse akarusenya rwose akoresheje umugabo, Azabanza yikundishe ku mugabo, babanze bakundane, igihe cose amwinyuze imbere, ntazabura amajambo amubwira, agende amukamuramwo urukundo yakundaga umugore wiwe, kugeza kw;iherezo ubwo wa mugabo azata urugo rwe akaja kwibanira na wa Mudayimoni aho aba.

Ashobora kugerayo bakabana mu minsi ya mbere bakabona ni vyiza ariko mu minsi ya nyuma akamwereka uwo ariwe, amwereka uwo ariwe iyo amaze kurya imyenda ayimaze, akarya urukweto arumaze, iyo amaze kumwirukanisha kukazi, agasiga amuhinduye mayibobo nk’abandi bose, ubwo nibwo amwereka uwo ariwe yarangiza akaba yanamuta munzu akigendera canke akaba yonamwirukana, Abo bakobwa rero nasanze bafise misiyo ndende hano kwisi.

Naje kuva aho mu mazi, nganira na MAIMUNA banyereka ibikorwa vye, Bambwiye gusa ko ataza apfa kuguha ikintu ciwe ku buntu, iyo mumaze gukorana amasezerano umanutse unyuze mw’igi agera aho aguha imiti ibiri: Aguha umuti wo kwihindura ifi, akaguha n’umuti wo kwihindura umuntu, Wagera ku nkombe ugafata uwo kwihindura ifi ukawisiga ugahita ugenda mu mazi, wavamwo ugeze ku nkombe ugafata uwo kwihindura umuntu ukawisiga, ukisubirira mu vyawe, ugasubira mu kazi, ntihazagire numwe umenya ivyabaye.

Iyo wamaze kugera kuri urwo rwego kandi rwo gukoresha iyo miti agira ico agusaba , hakaba ubwo akubwira ngo ntuzongere kuvyara ico nico tugusaba kugirango tuguhe ubutunzi bwacu, canke ngo turashaka ngo utange umwana wawe ukunda cane yaba imfura canke se umuhererezi kugirango tuguhe ubutunzi, canke se tuguhe ayo mazu n’ayo mamodoka n’ayo mafaranga ushaka canke ati:” ntuzigere urara mu nzu ahubwo uzubake akazu gato mu gikari(annexe) azabe ariho uzaja urara, canke ati:” uzagira ubutunzi ndetse n’icubahiro ariko ntuzongera kurya inrya zikaranze ukundi ahubwo uzaja urya ibiharage n’ibijumbu urenzeho amazi.

Muri make rero nta butunzi bwo mu mwijima niko Uwiteka avuga , uzabirebesha amaso ariko ntuzabifataho kandi uwabiguhaye nawe azagira ico agusaba, Naje gukurikirana ivyo kwa MAIMUNA nza kugera igihe co kuhava ariko maze kuhava bagiye kumpa akazi ko gukora akaba rero ari navyo ngiye kubabwira.

Naragiye nja aho bari banteguriye gukora, nasanze bateguye ko ngomba kuba umukozi wo mu ruganda rukora ama Produits canke se amavuta anyereza umushatsi, Nagiye muri urwo ruganda ntangura gukora dore ko nokugirango mbimenyere bvabanje kuntonda kuko asanze bakora ayo ma Produits mu buryo budasazwe . Iyo uruganda rwaba rwashomye, vyaba ngombwa ko bohereza kwisi imyuka yo kwica bakaja mu ma HOSPITAL bakica abana b’impinja mu mago y’abantu abavyeyi batwite bakabakuzamwo amada , abana bavutse bakabaheza umwuka.

Sa sita y’ijoro yaba ari isaha y’abadayimoni , kuja mukaburi aho bahamba abapfuye kuzana ya mibiri yab’abana kugirango babazane ku ruganda, ico babakoza babashikanye canteye ubwoba nuko………….

Ese uribaza ko icakwirikiye ari igiki ? Ntuze utangwe no gusoma igice cakane gikurikira cino nkuru ya ” Alice ” aho uzoshobora kumenya vyinshi biteye ubwoba ndetse bitangaje vyamushikiye ” Inkuru yigice cakane uzoyisanga hano nyene kukinyamakuru cambere c’abarundi gikunzwe n’abarundi benshi cane baba hano muri America ” UBM News

Must Read