Mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe MSD ryabereye mu ntara ya Ngozi, Imvugakuri z’uwo mugambwe zatoye Alexis Sinduhije kugira abe ariwe azobaserukira mu matora y’umukuru w’igihugu.
Muri iryo koraniro, indongozi za MSD zikaba zavuze ko ata rugamba rw’indwano bazigera bagira mu gihugu, ata rugamba rw’inkoho bazogira, ariko ko urugamba rwa poritike n’ivyiyumviro arivyo bizoshirwa imbere, mu gutsinda abari mu mugambwe CNDD FDD. Inyuma y’iryo koraniro, mw’ijambo Alexis Sinduhije yarungitse, yariyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Ku bwiwe, hamwe umugambwe CNDD FDD wotanga Petero Nkurunziza kugira ahiganirwe ikibanza c’ukurongora igihugu, umukuru w’umugambwe MSD avuga ko bazoca bafata ko Petero Nkurunziza azoba agira afate igihugu ku nguvu, aho naho akavuga ko amategeko atawe abirekurira, mbere akemeza ko bazomurwanya bivuye inyuma.
Umukuru w’umugambwe MSD akaba avuze ivyo inyuma y’aho n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike biyamirije ko Petero Nkurunziza atohirahira ngo yitoze ubwa gatatu, imvugo isanzwe ariyo iri no mu migambwe itavuga rumwe na Reta. N’umwe mu basenyeri ba Ekereziya Gatorika mu Burundi, Simoni Ntamwana akaba yarabivuze, tutibagiye na bamwe mu bagumyabanga ba CNDD FDD nabo bamaze kubishikiriza ko Umugumyabanga wabo Nkurunziza Petero, atokwitoza ubwa gatatu kuko ku bwabo, yoba akoze icaha c’ukubesha hamwe n’icukwiba, mu gihe yama ariko ahimbaza uko umwaka utashe ibikorwa vyiza yakorewe n’Imana.